Sunday, March 26, 2023
HomeNewsRumonge:Abasore canke abagabo bakiri bato ntibemererwa kuja mu bindi bihugu kugutinya ko...

Rumonge:Abasore canke abagabo bakiri bato ntibemererwa kuja mu bindi bihugu kugutinya ko boba bagiye mu mirwi irwana.

Imisore canke Abagabo bakiri bato ntibakicemererwa kugenda mu bihugu vya Tanzaniya hamwe na Congo ku gutinya ko boba bagiye mu mirwi yitwaza ibirwanisho irwanya ubutegetsi bw’uburundi iri cane cane mu gihugu ca Congo.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Haciye indwi zitatu habujijwe ko abagabo bakiri bato hamwe n’abasore bafata ubwato ngo bagende mu bihugu vya Congo na Tanzaniya. Bakaba bikekwa ko boba bashaka kugenda kwinjira mu mirwi y’abarundi yitwaje ibirwanisho iri muri Congo. Abo bankiwe kuja gupagasa mu bihugu bibanyi biyamiriza iyo ngingo babona ko ije guhonyanga uburenganzira bwabo bwo kwishira no kwizana.

“Nta ngingo n’imwe yanditse imanitse ahantu na hamwe.Kimwe gusa, igipolisi kijejwe gucungera uruja n’uruza ku mbibe ku kivuko ca Rumonge nticemerera umugabo n’umwe akiri muto gusohoka igihugu, ivyo navyo bikaba bimaze indwi zitatu “Niko abavyiboneye babwiye Sos Médias Burundi.

Nkuko amakuru ava mu gipolisi abivuga, iyo ngingo yoba ifitaniye isano n’ibimaze imisi bivurwa ko hashobora kuba agakuku k’abagenda mu mirwi y’abarwanyi. Amasoko yo mu gipolisi Sos Medias Burundi ifise avuga ati :”…baramenyesheje ko imisore y’abarundi iva mu ntara za Ngozi , kirundo hamwe na Muyinga igenda ku bwinshi muri Congo. Twikeka ko boba baja muri kongo mu mirwi y’abarundi yitwaza ibirwanisho naho tutabizi neza ”

Must Read