Sunday, March 26, 2023
HomeNews"…Aha mu Burundi naho wobintera mu rushinge nta mushomeri ahari , ahubwo...

“…Aha mu Burundi naho wobintera mu rushinge nta mushomeri ahari , ahubwo hari ibinebwe” Varisito Ndayishimiye.

Umukuru w’igihugu c’uburundi yemeza ko mu gihugu c’uburundi arongoye ata bashomeri bahari ahubwo hari ibinebwe, abashomeri bahari ndetse anemeza batuye mu bihugu vya buraya. Perezida Ndayishimiye yabishikirije mu ndwi iheze mu birori vyitiriwe umusi w’Inkerebutsi aho uwo musi waha urwaruka rwakoze neza gusumba urundi imigambi yo kwiteza imbere.

Mw’ivyo birori, Perezida Ndayishimiye yagize ati :”I buraya abashomeri bariyo,… ndavyemeza. Aha mu Burundi naho nwobintera mu rushinge nta mushomeri ahari, ahubwo hari ibinebwe”

Uwo arongoye uburundi akongera akamenyesha ko adatahura na gato urwaruka rufata amafaranga ashika imiriyoni 8 ngo bagiye mu gihugu ca serbie kurondera ubuzima mu gihe hari abahera ku mafaranga y’umumiriyoni umwe bagatera imbere.

Bamwe mu rwaruka rwahejeje amashure bashomereye mu gisagara ca Bujumbura babona ko umukuru w’igihugu c’uburundi asa n’uwuriko abakora mu nkovu . Umwe twavuganye aba mu gisagara ca Bujumbura yagize ati :”Perezida Neva ubwiwe yibagiye ingingo zifatira amaboko imugongo abiyungunganya ko ariwe yazizanye. Kubuza abagendesha ama bajaji n’amapikipiki mu gisagara, ukubomora amazu yegereye mu mabarabara yafasha cane abantu kwiyungunganya mu gukora urudandazwa, yibaza ko ngaho aho ata ruhara yagizemwo ngo abantu baje mu bushomeri?”

Uwundi nawe ati :”Uravye ukwo ikirere kimaze imisi kigenda ku barimyi, ukwo umwavu wa FOMI utangwa ugashika utevye, ukwo ubushobozi bwo kugura bw’umunyagihugu bumeze iki gihe nosanga ndose uwo ntiza izo miriyoni nokwihutira kuja aho I buraya ndazi neza ko noca ntera imbere mu mwanya muto cane”

Must Read