UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ishengero Angikane kw’isi ryemeje guha umuhezagiro abubakanye bahuza ibitsina babisangiye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishengero rya Anglikane kw’isi ryaraye ryemeje itegeko riha uburenganzira abakozi b’Imana kuzoza baha umuhezagiro ku bubakanye basangiye ibitsina ariko Iryo shengero ntiryemeje kuzohezagira ubugeni bw’abo bahuza ibitsina babisangiye. Bikaba vyemejwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2023 n’umurwi ujejwe kwiga ibibazo biba vyadutse mw’ishengero rya Anglikane . Iryo tegeko rikaba ryemejwe ku bice 57% nayo 41%) vyararihakanye.

Nkuko tubikesha n’ibinyamakuru bitandukanye vyo ku mugabane wa buraya na Amerika, Ico kibazo kijanye no guhezagirira muri Anglikane abo bahuza ibitsina babisangiye ngo cari kimaze imyaka itandadatu kiri mw’iryo shengero ndetse cari kimaze gusa ni gishaka kuzana ugucanamwo mw’ishengero. Niko guca hatorwa umurwi ujejwe kwiga ico kibazo. Kuri uyu wa gatatu w’iy’indwi turiko tusozera niho Uwo murwi ugizwe n’abantu 500 bakoranira mu bwongereza kugira utature ayo matati. Abagera ku 250 (57%) baremeje ko abahuza ibitsina babisangiye bagiye kuva ubu guhezagirwa mu rushengero n’abakozi b’Imana ndetse banemererwe gukora ibikorwa vy’ishengero. Nayo 181 (41% ) barabikanye hamwe rero na 10 ataco babivuzeko.

Kuba iryo tegeko ryaraye ryemejwe muri Anglikane, ngo ni intambwe ntoya yaraye ikozwe nk’uko bishikirizwa na bamwe mu baharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye kuko bipfuza ko n’ubugeni bwabo bantu bwoza bwemererwa gukorwa mu rusengero.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments