UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Rumonge (Kirwena): Abantu 12 barafunzwe kubera kwanka kurima ibigori bizokwerekanwa muri Leta.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abantu cumi na babiri barafunzwe kuva kuri uyu wa gatanu mu gasho ka zone Kirwena ni  muri komine n-intara ya Rumonge. Bakaba bafunzwe kw-itegeko rya buramatari w-iyo ntara, abagiriza ko batariko bararima  ibigori . Abanyagihugu bo mw-iyo zone bamenyesha ko bariko  bategekwa kurima ivyo bigori  kugira ngo intara  izoronke ivyo yerekana  muri Leta, ivyo bobo bamirira kure kuko bobo bavuga ko imyumbati ariyo ibatunze.Namibian maize farmers fear bad harvest | Fin24

Nkuko amakuru ava mu burimyi n-ubworozi bw-intara ya Rumonge, nuko mu mwaka w-uburimyi uheze, iyo ntara ntiyigeze ironka  ibigori itanga  nk-izindi ntara. Arico gituma buramatari w-intara ya Rumonge Consolateur Nitunga  yaciye atanga itegeko ryo kurima  ibigori.  Imbere y-abanyagihugu arongoye, Consolateur Nitunga  avuga ko ingingo  yayifashe kandi ari ntabanduka :ˮ..birya bintu mwagiye muravuga ngo nabaranduje imyumbati ndavyemeye! Mugabo dutere ibigori!  Naremeye ivyo muguma muvuga ariko intara ya Rumonge itere imbere mu mice yose‟

Ku ruhande rw-abanyagihugu bo mw-iyo zone nabo bati intara zose ntizitegerezwa kurima bimwe ,ahubwo bagasaba ko iyo ngingo ya buramatari yo hagarikwa kugira ibanze yirwe neza.

Umwe mu banyagihugu bo mw-iyo zone ya Kirwena ati :ˮ imyumbati niyo yadukujije, niyo yigisha abana bacu . Rero ntitwumva ukuntu hashobora gutangwa itegeko ryo kurima ibigori , hanyuma tuzoce tubaho gute?  Ego ni umutegetsi mugabo  ni ukuraba ko iyo ngingo iba yarizwe neza  kugira igire akamaro‟

Tubamenyeshe ko atari irya mbere buramatari Consolateur Nitunga afata ingingo zidashimisha abanyagihugu arongoye. Aha twovuga ubwa vuba ingingo yaheruka gushinga itegeka ko abunguruza abantu  hamwe n-abarangurira imirimo itandukanye mu Rumonge ko batanga amahera yo guterera umurwi  w-umupira w-amaguru  userukira iyo ntara. Ariko iyo ngingo nta mwanya yamaze kuko yiyamirijwe na benshi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments