Hagiye kuboneka akarusho ku bidandazwa biva ku kivuko c-i Dar-es-Salaam biza mu Burundi.

0

Mu rugendo rw-akazi rw-imisi itatu yahoramwo mu gihugu ca Tanzaniya, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko igihugu ca Tanzaniya  caronkeje uburundi ikibanza kingana na hegitare icumi i Dar-es-salaam kizohora gishikiramwo ibidandazwa bija mu Burundi.Image

Perezida Ndayishimiye avuga ko akarusho kagiye kuboneka kuko kare ibidandazwa vyahora biteba ku kivuko c-i Dar-es-salaam gutyo abadandaza bakariha amafaranga y-umurengera. Kubera umwanya munini  ivyo bidandazwa  vyamara kw-ico kivuko.

Umukuru w-igihugu c-uburundi akamenyesha ko ubu ivyo bidandazwa bishitse kw-ico kivuko bizoca bisohoka bidatevye hanyuma bijanwe muri ico kibanza c-uburundi kidatangirwa ikori , nkuko yabandanije abimenyesha.