Rumonge : Buramatari aragabisha abadandaza umubiri

0

Ubuyobozi bukuru bw’intara ya Rumonge buragabisha abagore canke abakobwa bagikora umwuga wo kudadaza umubiri abo bita abamaraya.

Nk’uko vyashikirijwe na Buramatari w’iyo ntara ya Rumonge, gukora uwo mwuga ni guca kubiri n’amategeko y’igihugu c’Uburundi.

Ku bavuga ko abakora uwo mwuga babiterwa n’ubukene, Buramatari wa Rumonge, Juvenal BIGIRIMANA arabihakana, akamenyesha ko abo badandaza umubiri bashobora kwitunganiriza iyindi migambi mito mito.

Ubuyobozi bukuru bw’intara ya Rumonge busaba abo badandaza umubiri kwitura abajejwe intwaro kugira babafashe gusubira mu mihana iwabo, kuko kuva ubu uwuzofatwa azoshikirizwa ubutungane abihanirwe.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here