Rohero : Abanyagihugu batabarije umuntu yaraye akomerekejwe n’amasasu

0

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, kw’ibarabara bitiriye «Avenue de l’Université», abanyagihugu begereye iyo micungararo bazindutse basanga umuntu aryamye mw’ibarabara, bamwe bibaza ko yoba ari uwaraye agandaguwe, ariko bamwegereye basanze agikomeye.

yewee

Ni umuntu atamenyekanye yarashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, amasasu akaba yamufashe mu nda.
Abegereye ahatowe uwo muntu bavuga ko yoba yaguye mu bagizi ba nabi, boba bashaka kumwiba. Ntiturashobora kuronka igiporisi kugira dushobore kumenya ico kibivugako.