Vitalo fc wafashe urugendo ugana Nigeria

0

Umugwi wa vitalo fc wafashe urugendo werekeza igihugu ca nigeria,aho uyo mugwi uzotana mu mitwe n’umugwi wa enyimba wo muri ico gihugu ca Nigeria

Umugwi wa vitalo ukaba wafashe indege kuri uno munsi werekeza ico gihugu ca Nigeria,
Abakinyi bashoboye gufata urugendo berekeza ico gihugu ca Nigeria n’abakinyi bose bari bagiye muri lesotho ukuyemwo Tambwe flolibert yasubirijwe na Moussa mossi hadji hamwe na Kiza fataki mu kibanza ciwe hagiye Celestin
vitalo

Irindi hinduka ryibonekeje ni ku mumenyereza wa kabiri Francis Mbaya aho atafashe urugendo n’abandi ahubwo mu kibanza ciwe hagiye umumenyereza w’abanyegori ariwe Amidou Hassan

Tworangiza tubamenyesha ko vitalo izotana mu mitwe na enyimba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 13/3/2015