Tuesday, March 28, 2023
HomePoliticsReverien Ndikuriyo yiyamiriza Abanyamugambwe biwe bafitiye ishari abandi batunze cane.

Reverien Ndikuriyo yiyamiriza Abanyamugambwe biwe bafitiye ishari abandi batunze cane.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yiyamiriza abanyamugambwe yise “Abanyenzigo” bafitiye ishari abantu bironkeye amafaranga menshi cane mu buryo yise “bwiza”. Reveriyano Ndikuriyo akemanga ko mw’abo bagirirwa ishari , harimwo abatari bake bafise imiriyaridi ibihumbi n’ibihumbi , amafaranga ahakwa kwababa nayo Leta y’uburundi imaze igihe ikoresha ku mwaka. Ndikuriyo akaba yabitangarije mu nyigisho zatangiwe mu masengesho aheza ukwezi kwa Gitugutu yari yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD.

Izo nyigisho zikaba zitakiriwe neza n’abagumyabanga begereye Perezida Ndayishimiye , Ivyo bobo babonye ko aje kwishura Perezida Varisito Ndayishimiye yaramaze igihe ariwe aza kwigisha hageze ayo masengesho. Mu nyigisho zama zatanzwe za Varisito Ndayishimiye , yaguma yiyamiriza abasuma n’abanyonyezi bari mu nzego zikomeye z’igihugu. Ivyahavuye birangira akomboye mu mabanga uwari umushikiranganji wa mbere Gen.Alain-Guillaume Bunyoni , Gen.Gabriel Nizigama yarajejwe ibibazo vya gisivire mu biro vya perezida Ndayishimiye na Gen. Steve Ntakarutimana yarajejwe ibibazo vya gisirikare mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe rero n’abashikirakanji bahoze batonye mu ntwaro y’umuhisi Perezida Nkurunziza. Abakuwe bose bari bafise ikibahuza ni ubutunzi bw’umurengera buharurwa mu mamiriyaridi ibihumbi nkuko Ndikuriyo abivuga.

Bamwe n’abandi baguma bibaza uwo munyeshari ariko ahungabanya abatunze amamiriyaridi ibihumbi uwo ariwe, Bakibaza kandi ukuntu hari abategetsi baguma bigamba ko bafise ubutunzi burenga imiriyaridi igihumbi mu gihe igihugu c’uburundi kiguma gishirwa mu vyegeranyo vy’ibanki y’isi yose mu mwanya wa nyuma mu vy’ubutunzi.
Amakuru dukesha bamwe bari mw’iperereza ry’uburundi ndetse akanemezwa na bamwe mu banyamugambwe ba CNDD-FDD , nuko Uruhande rurongowe na Reveriyano Ndikuriyo hamwe na Alain-Guillaume Bunyoni ruguma rwipanga mu nzego zose z’igihugu harimwo n’iz’umutekano mu ntumbero yo kugarariza no kwomora ku butegetsi ku nguvu Perezida Ndayishimiye, Ivyo Varisito Ndayishimiye ariko agerageza kuraba ukwo aburizamwo uwo mugambi wo kumuhirika ku butegetsi.

Must Read