Umushikiranganji w’ubutungane yemera ko abanyororo ari umurengera mu gihugu, ibitigiri vy’abanyororo mu gihugu c’uburundi bikaba birenze ku rugero rwababa 300% Ubushobozi bw’amabohero ari mu gihugu c’uburundi nkuko vyerekanwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu. Ariko naho Domine Banyankimbona yemera ubwo bwinshi bw’abapfungwa, Mw’ikete yandikiye kuri uyu wa mbere abashikirizamanza n’abarongoye amasentare bose, Uwo mushikiranganji asa n’uwurindiriye ko ivyo bitigiri bigabanurwa n’uko abo abarongoye bikubise agashi bagakora ivyo bajejwe.
Kuwa 31 Gitugutu 2022, Umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona yandikiye abarongoye amasentare hamwe n’abashikirizamanza bose mu gihugu abahamagarira kwikubita agashi bakore ico bajejwe banareke gupfunga abakoze ivyaha bitobito kugira bafashe igabanuka ry’ibitigiri vy’abanyororo.
Ivyegeranyo vy’abaharanira agateka ka zina muntu vyerekana ko ivyo bitigiri ari umurengera birenze ku rugero rwababa 300% ubushobozi bw’amabohero ari mu gihugu . Mu mpera z’ukwezi kw’icenda , imbere y’uko umushikiranganji atera ako kamo abo bakozi arongoye, Mu mabohero cumi ari mu ntara cumi arimwo abanyororo ibihumbi cumi na bibiri , amajana atatu naq mirongo ibiri na batatu hamwe n’inzoya 117. Ni mugihe Ayo mabohero yose yagenewe kwakira abapfungwa ibihumbi bine na majana abiri na mirongo icenda na bane. Muri abo banyororo barenga ibihumbi cumi na bibiri, Aho mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga, Abagera ku bihumbi bitanu na majana atatu n’icenda nibo bonyene bari bamaze guciribwa imanza Abandi ibihumbi bitandatu n’amajana umunani na mirongo umunani na babiri ntibari bwacirirwe imanza.
Ivyegeranyo vy’abo baharanira agateka ka zina muntu vyerekana kandi ko ivyo bitigiri ari umurengera kubera ko hari abantu benshi bapfunzwe hadakwirikije amategeko , bikava kandi no kwikwega ugucira imanza abapfunzwe.
Recent Comments