UBM News ads UBM News ads
Friday, April 12, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC: Ingabo za Kenya zingana 1000 Zirinjira mu buseruko bwa Congo mu mugambi w’akarere ka EAC.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yahaye kuri uyu wa gatatu ibendera ry’igihugu umukuru wa batayo y’ingabo za Kenya zigiye mu ngabo z’akarere ka EAC kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho ikorera mu buseruko bwa Congo

Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, Izo ngabo zingana 1000 zitegekanijwe ko zifata urugendo uno musi kuwa gatatu zerekeza mu buseruko bwa Congo, ahari iki gihe imirwano ikomeye ihuza ingabo za Leta ya Congo hamwe n’umuhari M23. M23 ikaba imaze gufata uburere bwinshi bwo muri teritwari ya Rutshuru aho uwo muhari uriko werekeza ugana gufata umuji wa Goma.

Kenya ikaba ariyo yambere irungitse mu buseruko bwa Congo ingabo z’akarere ka EAC zumvikanyweko mu kwezi kwa Ruheshi 2022 n’abakuru b’ibihugu bigize EAC. Ibihugu vy’uburundi na Uganda bikaba bisanzwe vyararungitseyo ingabo zavyo ku bwumvikane bwa Leta ya Congo hamwe n’ivyo bihugu bibiri.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments