UBM News ads

Reverien Ndikuriyo avuga ko ibitoro bihinguye bitagabanutse ibiciro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu nama yariko arakoreshe abarongoye abandi ku mitumba mu ntara ya Muyinga kur’uyu wa kane, Reverien Ndikuriyo, umukuru w’Inama Nkenguzamateka, yamenyesheje ko ibitoro bitarahingurwa bita brut arivyo vyakorotse igiciro. Ati ariko ibitoro bimaze guhingurwa bivamwo za essence, mazout na petrole bikaba bikiri kugiciro vyahorana imbere yuko hatera ingwara ya coronavirus yatumye imirimo ihagarara mu bihugu vyinshi vya Burayi Amerika Asia na Afrika.

Aho ni mugihe abo yariko aragirisha inama bamubajije igituma ibiciro vy’ibitoro bitagabanuka mu gihe akagunguru bita baril kajamwo ibitoro igiciro cagabanutse cane ibice 50 kw’ijana. Abo batwara abandi ku mitumba mu ntara ya Muyinga bakavuga ko mugihe ivyo biciro biduze abarangura igitoro baca baduza ubwo nyene igiciro bigatuma ibindi bidandazwa biduga igiciro. Aba batwara abandi ku mitumba bakavuga ko ico gitoro co kugiciro gito ubu camaze gushika i Burundi ko rero Leta nayo yogira akigoro mu gutezurira abenegihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments