Breaking News : Willy Léonard Niyomwungere yapfuye ! Menya hano ukuri kurupfu rwiwe.

0

Amakuru ariko ava mu mihingo myinshi aremeza ko Umuririmvyi Willy Léonard Niyomwungere atakiri muzima. Aya makuru yemeza kandi ko iyi ntwari yasezeye isi mu bitaro mu gihugu ca Malawi aho yagwariye akanya gato cano.

Umushikiranganji wa Malawi araba amagara y’abantu yari yamenyesheje ku musi wa gatanu ko igihugu ciwe catoye umugwayi agira icenda afise umugera wa koronavirisi. Iryo tangazo ryari ryamenyesheje ko uwo murwayi w’imyaka 44 afise ubwenegihugu bwa Canada ariko akaba yavukiye mu Burundi. Umwe mu bakurikirana runo rubuga, yaratwandikiye ku mugoroba w’uyu wa gatandatu ko hari umurundi yahitanywe na koronavirisi muri Malawi. Gushika aho ntitwari bwamenye uwariwe. Mu nyuma niho amakuru yakwiragiye ku mbuga ngurukanabumenyi ko Willy Léonard Niyomwungere atakiri muzima.

Iyi nkuru irababaje cane. Willy Léonard Niyomwungere agiye akiri muto, yararirimvye indirimbo nyinshi z’inkoramutima. Iyo benshi bibuka ni “abantu, abantu yemwe abantu” canke “Abagabo bararya imbwa nazo zikishura”, Willy Agiye adashoboye gushikana isezerano ryo kugaruka i Burundi akaririmbira igihugu ciwe nkuko yabiririmvye muri imwe mu ndirimbo ziwe.

Willy Léonard Niyomwungere yari amaze imyaka aba muri Canada aho yanaronkeye ubwenegihugu bugira kabiri. Yinjiye muri Malawi ku wa 28 ntwarante 2020 avuye muri Tanzania. Igihe agenda yaramenyesheje abo bavuganye kuri telefone ko yumva atamerewe neza. Abamuzi bavuga kandi ko yari asanzwe akora ubudandaji hagati ya Tanzania na Malawi.

Iruhande y’indirimbo zihanura ku bijanye n’imibano y’abantu, Willy Léonard Niyomwungere yararimvye indirimbo z’Imana. Tumwipfurije uburuhikiro bwiza mu buzima bushasha atanguye. Abamukunda tuzoguma tumwibukira ku ndirimbo ziryoshe adusigiye. Turahojeje umuryango asize.

Bagenzi, twikingire koronavirisi mu gukurikiza impanuro zose tuguma duhabwa. Imana irinde Uburundi bwacu n’abarundi bose.