Réverien Ndikuriyo arabandanya gukoresha amajambo yo gukokeza no gushigikira ubwicanyi.

0

Umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo arabandanya gukoresha amajambo yo gukokeza no gushigikira ubwicanyi mu gihugu mu gihe ubutungane arico bubereyeho kugira bucire imanza uwo kwagirizwa icaha icari cocose  yoba yakoze.Burundi: Reverien Ndikuriyo asks for the support of the EU to finalize its  genocide project which it continues to boast the significant advance – URN  HITAMWONEZA

Kuri uyu wa 16 Munyonyo  mu ntara ya Bubanza ku musi wo gutangura indwi yahariwe umurwanyi  mw-uwo mugambwe,  Reveriyano Ndikuriyo yavuze uku :

ˮAba mubona bose nta mwansi yabarashe. Hari abari bazi yuko ari bamwe mu barashwe  n-umwansi. Nitwe twabiyiciye. Ntihica ubwoko rero, hica ubutegetsi bubi‟

Akiri ngaho, uwo arongoye umugambwe ku rwego rw-igihugu yahamagariye abanya bubanza kwica uwo wese biketse ko ashaka guhungabanya umutekano. Ntamatohoza , nta manza zikenewe , kubwa Reveriyano Ndikuriyo ni ˮukumunyarutsa !‟

Mu majambo yiwe, Ndikuriyo abandanya abandanya agira ati :ˮkera nta myaka itanu , cumi ,wabona inzu zisha , ama mangazini yibwa, abantu ibihumbi amajana bahunga, wamenga vyari ibintu vyanditse ku myaka . Mugabo ubu murabona , naho umuntu yogira ngo aragira akantu muca mu mugirira akantu  bica bihera. Barabizi aha turi i Bubanza , asha ugomba guhungabanya amahoro n-umutekano baca bakunyarutsa ni vyiza‟

Tubamenyeshe ko iyo ndongozi nkuru  y-umugambwe CNDD-FDD mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka w-2015  yahamagariye abo mu ma karitiye yo mu buraruko bw-igisagara ca Bujumbura ˮgukora‟ bagafuta  abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza. Aho yabamagariye gukora kugira baronke ama ˮparcelles‟.Mu mwaka w-2019  mu kwezi kw-icenda, Reveriyano Ndikuriyo yemereye imiriyoni zitanu  uwo wese azomuzanira umutwe w-uwitwa Kaburimbo (Pascal NINGANZA) umunyagihugu wo muri komine Matana ,mu ntara ya Bururi. Aho baciye bagirako bamugandagura bunyamaswa bamaze kumufata bamuboshe  hari muri Ndamukiza 2020.