Kenya: Perezida Uhuru yaremeje itegeko riha uburenganzira impunzi bwo kubaho nk-abanyagihugu bo mw-ico gihugu.

0

Umukuru w-igihugu wa Kenya Uhuru Kenyatta yaraye ashize umukono kw-itegeko rishasha  riha uburenganzira impunzi n-abarondera ubuhungiro muri ico gihugu bwo kuja mu mashure hamwe no kurondera uburyo bwo kwibeshaho  mu buzima bwa misi yose.Kenya president to be first sitting world leader before Hague court

Ariko iryo tegeko rishasha riha impunzi akaryo ko kubaho nk-abanyagihugu basanzwe  kuko zigiye kuronswa impapuro zo gushobora kuja mu mashure  hamwe no gusaba ubuzi ahari hohose.  Iryo tegeko rikaba rije mu gihe hasigaye amezi atandatu gusa ngo hashirwe mu ngiro umugambi wa Leta y-ico gihugu  wo kwugara amakambi  y-impunzi ahaye indaro impunzi zishika  hafi ibihumbi amajana atanu (500.000).

Kenya yafashe ingingo yo kwugara mu mwaka uza ayo makambi  y-impunzi bitewe nuko ayo makambi yagirijwe ko ariyo yama yakoreshejwe nk-urubuga rwo gutegura abaja mu mihari y-iterabwoba yagirizwa kugaba ibitero bimaze guhitana abantu benshi muri ico gihugu.