Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeTrendingREGIDESO yizeza abarundi ko atagitoro kizopfa gisubiriye kubura mu Burundi.

REGIDESO yizeza abarundi ko atagitoro kizopfa gisubiriye kubura mu Burundi.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO ahumuriza abarundi ko ata kena ry’igitoro rizosubira kwibonekeza mu gihugu . Dr Ir Albert Manigomba arongera agasigura ko kuba igitoro ca essence cari kimaze imisi carabuze vyatewe n’akagorane yise ″gatoya‟ mu kugira amakomande ariko ako kagorane kahavuye gatorerwa inyishu.

Mu kiganiro yahaye kuri uyu wa gatatu bagenzi bacu ba radiyo KAZOZA FM, Uwo arongoye ishirahamwe REGIDESO yagize ati :″ Abenegihugu ni bareme. Amakamyo yuzuye essence ariko arinjira ku bwinshi guhera ku musi w’ejo , nta mirongo izoba ikicibonekeza ku ma sitasiyo n’uyu musi ku mupaka wa Kobero haza kwinjira ibikamyo birenga 40‟
Albert Manigomba yabandanije agira ati :″ ku bijanye n’igitoro co mu bwoko bwa essence, , harabaye akagorane gatoya mu kugira amakomande , utwo tugorane rero twaratorewe inyishu, abenegihugu borema kuko twebwe ubu dufise ibitoro vya essence vyinshi cane twaguze, hamwe n’ibindi vyinshi biriko vyinjira ‟

Uwo arongoye iryo shirahamwe rya Leta yasozereye yizeza kandi abarundi ko kuva ejo kuwa kane REGIDESO itazosubira gutanga iritiro 8000 ku baranguzi gusa , ahubwo ngo hazotangwa ibitoro birenze nko guhera ku maritiro 10.000 gushika no kuri 30.000 ko kandi ntigisubire guca gihera ningoga kuko hazoba hari igitoro gikwiye.

Tubamenyeshe ko hari haciye amayinga atari make igitoro co mu bwoko bwa essence cabaye nk’umuzi w’ibuye mu gihugu cose, aho kigize ngo kiraboneka naho hakaca haba imirongo miremire y’imiduga igishaka. Ivyahavuye bituma abunguruza abantu bakoresheje imiduga ija mu ntara za ruguru baduza ku rugero runini itike yo kwiyunguruza.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments