Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsRDC: Umushikiranganji wo kwivuna abansi yemeza ko M23 n’ubu igifise umugambi...

RDC: Umushikiranganji wo kwivuna abansi yemeza ko M23 n’ubu igifise umugambi wo gutera Goma.

Kuri uyu wa gatatu, Leta ya Congo kinshansa yatangaje ko abarwanyi b’umuhari M23 bagifise umugambi wo gutera umuji wa Goma , umurwa mukuru w’intara ya Kivu y’uburaruko.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi , Gilbert Kabanda yemeje ivyo ko iyo ntumbero ya M23 ″ihonyanga ishirwa mu ngiro ry’ivyapfundikiwe mu nama y’abakuru b’ibihugu yabereye I Luanda ‟.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Actualité.cd , Kabanda yongeye avuga kandi ko ″ingabo zikomeje kuba maso kandi ziyemeje kurwanira igihugu‟ nkuko biri mu cegeranyo c’inama y’abashikiranganji igira 81 yabaye kuri uyu wa gatatu.

Mu ndwi twasozereye, Abaroberi ba M23 baratangaje ko bavuye mu karere ka Kibumba. Ariko Leta ya Congo yahavuye ifata iryo kurwa rya M23 muri ako karere nko ″gusamaza ‟ kuko uwo muhari waciye uja gukomeza ibindi birindiro biri mu bundi burere nko muri teritwari ya Masisi n’ahandi.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....