Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeInternational newsMedvedev yarongoye uburusiya ahishura isenyuka ry’ubumwe bwa buraya hamwe n’icikamwo ibice...

Medvedev yarongoye uburusiya ahishura isenyuka ry’ubumwe bwa buraya hamwe n’icikamwo ibice kwa USA mu 2023.

Umukuru w’inama y’umutekano y’uburusiya akaba n’umwe mu barongoye ico gihugu, Dmitry Medvedev yahishuye isenyuka ry’umuryango w’ubumwe bwa buraya mu mwaka tugiye gutangura wa 2023 hamwe no gucikamwo ibice kwa Leta Zunze ubumwe za Amerika.

Mu butumwa bwiwe yashize ku rubuga rwa Twitter kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 26 Kigarama 2022 bufise umutwe wabwo buvuga buti :″What can happen in 2023 [Ibishobora kuzoshika mu mwaka wa 2023]‟
Mw’iryo hishurwa, Medvedev yatangaje ko igihugu c’ubwongereza kizosubira mu muryango w’ubumwe bwa buraya . Niyo ubwongereza bwamara gusubira muri uyo muryango, Niho uwo muryango uzoca usenyuka , kandi ifaranga rya ″Euro‟ ntirizongera gukoreshwa nk’ifaranga rusangi ku mugabane wa buraya.

Medvedev yavuze kandi ko mu gihugu c’ubudagi hazovuka ubutegetsi bugendera ku vyiyumviro vy’abanazi buzomenyekana nka ″Fourth Reich ‟, ubu bakazoja mu ntambara n’igihugu c’ubufaransa.
Uwo mutegetsi w’uburusiya asanzwe ari na somambike na Perezida w’uburusiya Vladmir Putin, abona ko mu mwaka uza wa 2023 ushobora kurangira muri Leta za Californie na Texas [Muri Leta Zunze ubumwe za Amerika] hubutse intambara maze izo Leta zibiri zigahinduka ibihugu vy’igenga , ariko Texas nayo ikazokwiyunga na Mexico.

Uyo munyapolitike w’uburusiya avuga kandi ko ukwo gucanamwo hagati y’ayo ma leta abiri hamwe na Amerika niyo vyarangira , Umurwizatunga ruhebwa kw’isi Elon Musk ayoboye urubuga rwa Twitter , azoba umukuru w’igihugu mwa kimwe mw’ayo ma Leta azoba yiyonkoye kuri Amerika.
Dmitry Medvedev yahishuye kandi iherezo ribi ku masoko n’ibikorwa vy’ubudandaji vya Amerika n’uburaya kuko ngo bizoca vyimukira ku mugabane wa Aziya maze amadorare n’ama Ero ntivyongere gusubira kuzunguruka kw’isi nkuko vyahora.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments