UBM News ads

Regideso nshasha muri reta nkozi: Ni iki Abarundi bokwitega?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yo gukombora umukuru wa Regideso, umukuru w’ igihugu yaragenye uwundi mu DG mushasha wa Regideso.

Uwo mu DG mushasha akaba ari umusoda nk’uko abandi bategetsi muri reta nkozi ari abasoda.

Mu kubisikanya hagati y’umu DG mushasha hamwe nuwahahora muri Regideso, uwahahora yavuze ko uko yasanze Regideso iri atariko ayisize.

Umu DG yahora atwara Regideso akaba yamenyesheje ejo ku wa kabiri ko yinjiye muri Regideso hari amafaranga ashika ku muliyaridi n’imiliyoni amajana umunani kuri konte ya Regideso.


Ariko uwo asohotse yamenyesheje ko Regideso yayisigiye amafaranga imiliyaridi 12 kuri konte yayo.

Umu DG mushasha akaba amaze gutangura ibikorwa aho vuba haheze yabonetse yishikiye ahariko hononekara amazi tuyau yamenetse maze arahagararira ibikorwa vyo gukora iyo tuyau ivyo bamwe babonye ko agiye kugorora ibintu.

Mwomenya ko Regideso iri mu mashirahamwe amwe amwe atungwa urutoki n’umukuru w igihugu ko atakora bihagije.

Bamwe mu banyagihugu bayaze na UBM News baravuga ko batanguye kubona amahinduka muri Regideso mu gisata c’amazi aho amakartie amwe yahora ataronka amazi ubu yatanguye kuyaronka.

Ariko kandi abo banyagihugu babandanya basaba ko hoba ukugabanura umwanya hamwe n’imirongo yibonekeza igihe co kugura canke kuri umuyagankuba hamwe n’amazi kubera ko ubu Ishirahamwe ryafasha abanyagihugu kubikora bitagoranye ariryo Payway ryahagaritse gutanga umuyagankuba.

Mwe aho muri mubona ibikorwa bishasha vya Regideso biriko biryohorwa ni kuvuga mu gisata c’amatara n’amazi?


https://twitter.com/BurungaNews/status/1351782212597915649?s=19

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments