UBM News ads

Banki Nkuru y’igihugu iragabisha abiba abanyagihugu bakoresheje ivyo bita ‘IKIRIMBA’

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibanki Nkuru ya Republika y’Uburundi yasohoye itangazo aho yiyamiriza ibikorwa vyiraye muri iyi misi mu Burundi vyo kwiba abanyagihugu.

Banki Nkuru ikavuga akarorero k’abegeranya amahera y’abanyagihugu muvyo bita ‘Ikirimba’ aho uwugitanguje ahengera abandi bamuhaye amahera akwiye hama agaca ahunga yivye amahera y’abanywanyi.

Banki Nkuru ikabona ko abashira amahera yabo muri ubwo buryo ari ‘ukwiba na cane cane barya bazana amafaranga yabo munsi y’abandi’.

Banki nkuru ikaba kandi igabisha amashirahamwe yiraye mu Burundi mu kudandaza amahera biciye mu buryo bwa none ubwo bita ‘Pyramide de Ponzi’ aho usanga abashira amahera yabo muri ayo mashirahamwe usanga atemewe muri BRB bibwa ubutunzi bwabo.

Aho twovuga amashirahamwe nka za AIM Global, CBN, nayandi yemerera inyungu y’umurengera abazana amahera yabo.

BRB ikavuga ko abo bafise ayo mashirahamwe batemewe na gato nitegeko rya Banki Nkuru.

Banki Nkuru igahamagarira abo bose bakora ivyo bikorwa vy’Ikirimba na Pyramide de Ponzi ko bobashira ahabona biciye ku numero batanze mwitangazo ryagiye ahabona.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments