Umupfakazi Christa Kaneza yaraye mugasho ijoro ryambere, dosiye irimwo ibinyegezwa

0

Umupfakazi wa Thierry Kubwimana, Christa Kaneza, araye mu gasho yagirizwa ko yakoranye n’abamwiciye umugabo. Abiwe bose baguye mu gahundwe mu gihe igipolisi co kidashobora kwerekana ivyemeza ivyo cagiriza Christa. Ni nde afise inyungu yo kunyegeza abishe vyukuri Thierry Kubwimana ? Igipolisi coba gifise ayandi makuru kidashaka gushira ahabona.

Thierry na Christa bubatse urugo rwabo muri myandagaro 2020. Muri gitugutu, Imana yabahezagije ikibondo, umunezero wari wose mu rugo. Mw’ijoro ry’uwa 24 rishira uwa 25 munyonyo 2020, abantu batamenyekanye binjiye mu cumba ca Thierry na Christa bararasa serugo. Inyuma y’amasaha makeyi ashikanywe ku bitaro Kira Hospital, Thierry Kubwimana aracikana. Igipolisi cavuze ko abo bicanyi bari abagabo babiri.

Mu misi yakurikiye, abaryango ba Thierry Kubwimana batangajwe n’ingene igipolisi canse gukora amatohoza nyayo ku rupfu rw’uwabo. Abicanyi basize bataye mu nzu itelefona yerekana neza umwe muri bo, telefone nayo y’umuhisi yarafashwe n’igipolisi ku muntu yoba yavuze ko hari uwo yayiguriye. Gushika mu mpera za 2020, igipolisi caranse gutohoza kuri abo bantu, amakuru dufise yo aremeza ko nyene telefone yatawe mu nzu yoba asanzwe akorana n’iperereza mu bwicanyi. Abakozi babiri bakorera umuhisi barafashwe mu mwanya wa mbere kuko bagirizwa ko boba ari bo bugururiye abicanyi bakanabereka icumba c’umuhisi, ariko itegeko ribarekura ryoba ryavuye “hejuru”. Bamaze kurekurwa, igipolisi coba cashatse kubagarukana ku nguvu mu rugo rw’umuhisi, abaryango ntibavyemera.

Mu ndwi iheze, vyose vyarahindutse. Bamwe mu baryango babwiwe ko abishe Thierry Kubwimana bafashwe kandi bavyiyemerera, bamwe bakanatemberezwa mu modoka y’umupolisi ajejwe amatohoza. Hirya y’ejo (18 nzero 2021), igipolisi cagiye mu rugo rw’umuhisi kijanye abagabo batatu biyemerera ko bagize uruhara mu rupfu rwa Thierry Kubwimana, harimwo na nyene ya telefone yatorwa mu nzu. Abari ngaho barumiwe mu kubona abagabo bemera icaha ariko badahuriza kuvyo bakoze, mbere komiseri w’igipolisi akaza arabakosora muvyo bavuga. Umwe ati “twakuye televiziyo hano tugenda tuyijanye”, komiseri ati : “oya nta televiziyo mwajanye”. Babasaba kwerekana aho baciye, uwuri imbere bakabona ararenganye icumba bakamugarura, babaza uko igitanda cari gipanze mu cumba, bagasanga ntavyo bazi na gato. N’ibindi n’ibindi vyatangaje abari ngaho. Ariko rero abo bagabo batatu ntibigeze bemera ko ari bo barashe Thierry Kubwimana, bavuga ko yarashwe n’uwitwa Ferdinand yoba atarafatwa.

Kuva aho ku wa mbere, umupfakazi wa Thierry Kubwimana yatanguye kubazwa ko yoba ariwe yugururiye abaje kwica umugabo wiwe. Kuri uyu wa kabiri (19 nzero), Christa Kaneza yiriwe arasambishwa mu gipolisi c’inyamirabi (police judiciaire), bamwe biyemerera ubwicanyi boba bahavuye bamwagiriza ko ariwe yabugururiye baje kumupfakaza. Mu gihe abaryango bariko barasaba ko umuvyeyi yorekurwa akaja kwonsa ikibondo niho barwa mu gahundwe OPC1 Claver Nduwayo arongoye “Recherche Criminelle” abamenyesheje ko Christa Kaneza adashobora gutaha ahubwo bomuzanira umwana aho ari. Ico twabwiwe n’abakorera ku biro bikuru vya “Police Judiciaire” nuko itegeko ryo gupfunga Umupfasoni Christa Kaneza ryatanzwe n’umukuru w’igipolisi c’inyamiramabi CP Bertin Gahungu, inyuma y’akanama yagiranye na OPC1 Claver Nduwayo. Christa Kaneza yahavuye ajanwa mu gasho ka BSR ari naho araye ijoro rya mbere.

Iyi dosiye irimwo ibinyegezwa bikomeye. Mu mwanya wa mbere igipolisi caranse gukora ibikenewe vyotuma abishe Thierry Kubwimana bafatwa, na rirya bari basize amakanda atuma bafatwa. Abakozi b’umuhisi barafashwe mu nyuma barekurwa kw’itegeko ryavuye “hejuru”. Inyuma y’ukwezi n’inusu igipolisi ataco kiriko kirakora, abagabo batatu barafashwe baca baza biyemerera bo nyene ko bagize uruhara rwo kwica Thierry Kubwimana naho badahuriza ku catumye bamwica. Si kenshi abicanyi bakunze kwiyemerera ko bishe umuntu, ata gitsure kibariko, mbere bagatangura no gutanga amazina y’abo bakoranye. Umwe muri abo abantu azwi ko akorana n’iperereza mu bwicanyi. Ifatwa rya Christa Kaneza riraboneka ko naryo ryategetswe rivuye “hejuru”. Ibi bintu ni nde abifisemwo izo nyungu zose kugeza aho ” abicanyi” biyemerera icaha co kwica ata bwoba ? Ni iyihe nyungu umukenyezi w’imyaka 18 yoba afise yo kwiyicira umugabo wiwe inyuma y’amezi atatu gusa agize ubugeni be n’ukwezi kumwe aronse ikibondo ? Ni nde yoba afise inyungu yo kunyegeza ico Thierry Kubwimana yazize agashaka kubihindukiza ngo vyitwe ibibazo vy’umuryango ? Aho hejuru amategeko ariko arava ni hehe ? Thierry Kubwimana yazize iki vyukuri ?