Tuesday, September 27, 2022
HomeUbutunziOLUCOME isaba Leta gutanga umuco ku haheruka kuva igitoro cazanywe i Burundi.

OLUCOME isaba Leta gutanga umuco ku haheruka kuva igitoro cazanywe i Burundi.

Ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire hamwe n’abasesagura amatungo ya Leta rirashimishwa cane ko Leta yafashe mu minwe ikibazo c’igitoro kimaze amezi gihanze igihugu; Ariko Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME asaba Leta gutanga umuco ku bijanye n’ahavanywe ico gitoro kingana amaritiro imiriyoni 25 maze abarundi bamenye ko ari imfashanyo ndetse hanamenywe uwuzoba aje kukidandaza hamwe vyomenyekana ko ico gitoro kitatanzwe ku mfashanyo ku Burundi.

Nkuko tubikesha iradiyo BONESHA FM, Uwo arongoye OLUCOME aribaza kandi nyimba Leta igiye kubandanya izana ico gitoro buri kwezi buri kwezi naho umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu yaraye atangaje kuri uyu wa kabiri ko ico gitoro Leta yakizanye kugira basahirize , bisigura ko kubwa Rufyiri Leta itagiye kubandanya ikizana. Aha Gabriel Rufyiri aribaza utu tubazo dukwirikira :«mbega ico gitoro kije coba ari imfashanyo? Mbega Leta niyo yatanze amafaranga iyakuye muri banki nkuru y’igihugu iyahereza sosiyete imwe yayo iyegukira?»
Gabriel Rufyiri avuga kandi afise amakuru ko hoba hari ishirahamwe Leta yahaye uruhusha bita «Lettre de crédit» kugira izane ico gitoro mu gihugu kw’izina rya Leta hama Leta izoze irakiriha bukebuke; ko nahone bakeneye kuharonkera umuco.
Tubibutse ko ubukene bw’igitoro mu gihugu bwari bumaze guhungabanya ubuzima bwose bw’igihugu; aha twovuga nk’iduga ridasanzwe ry’ibiciro vy’ibidandazwa vyankenerwa, iduga ry’ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gihugu ,…

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...