Monday, May 29, 2023
HomeSportsUburundi burashobora gufatirwa ibihano bikomeye mu mahiganwa mpuzamakungu y'urukino rwa TAEKWONDO.

Uburundi burashobora gufatirwa ibihano bikomeye mu mahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa TAEKWONDO.

Igihugu c’uburundi gishobora gufatirwa ibihano bikomeye harimwo no kubuzwa kwitabira amahiganwa mpuzamakungu mu rukino rwa TAEKWONDO. Bamwe mu barongoye ishirahamwe ry’urwo rukino mu Burundi baranegura kubona urwego ruraba inkino mu Burundi CNO ruguma mu gacerere mu gihe amezi abaye atatu rwituwe kugira rukure mu nzira ingorane zijanye n’abantu barungikwa mu mahiganwa mpuzamakungu batanze ibiturire kandi atari n’abakinyi b’urwo rukino.


Urwego mpuzamakungu rw’ishirahamwe rya TAEKWONDO rukaba rushobora kuzofatira ibihano biremereye uburundi muri ayo mahiganwa mpuzamakungu abera mu gihugu ca Koreya y’epfo. Inama ya bose y’ishirahamwe y’urwo rukino ikaba yagiriza uwurongoye iryo shirahamwe Cyprien Bigirimana kubandanya acapfuza iryo shirahamwe mu kurungika mu gihugu ca Koreya y’amajepfo bamwe mu ncuti ziwe hamwe n’abandi badakina urwo rukino mu mahiganwa mpuzamakungu. Abantu barenga icumi akaba aribo bamaze kurungikwa muri koreya y’epfo kandi ntibanatahuke mu gihugu. Umurwi wa mbere warungitswe mu kwezi kwa Ndamukiza mu nyuma uwugira kabiri urungikwa mu kwezi kwa Ruheshi.
Kubona inama ya bose imaze kwandikira urwego CNO amakete abiri ariko ntihagire inyishu iboneka, inama ya bose ikabibonamwo gukingira ikibaba uwo arongoye iryo shirahamwe rya FEBUTA. Iyo nama ya bose igasaba ko CNO yova mu gacerere ico kibazo kitaraja mu minwe y’inzego mpuzamakungu.

Must Read