Umuhari RED-TABARA urigamba gusambura kimwe mu cuma ca ‘Antenne’ cafasha indege kwururukira ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye. Ni inyuma y’igitero uwo muhari waraye ukoze mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu muri zone Buringa , komine Gihanga mu ntara ya Bubanza.Abantu babiri bapfuye, umuduga umwe uraturirwa.
Mw’itangazo RED-TABARA yashize ahabona kuri uyu w’Imana , Ivuga ko yasambuye icuma ca ‘Antenne’ cafasha indege kwururukira ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye kiri ahitwa Gihungwe mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Mw’iryo tangazo kandi, RED-TABARA imenyesha ko abarwanyi bayo bari ku butaka bw’uburundi ko ndetse bafise ubushobozi bwo gutera aho bashatse , igihe cari cocose.
Ariko uwo muhari urahakana ko atariwo waraye utuririye abantu mu muduga. Ahubwo ukegeka ico gitero ku bajejwe umutekano bari mw’ako gace ngo babonye ko bananiwe guhangana nabo baciye bica abo basivire bariko bararengana. Abajejwe intwaro b’aho haraye habereye ico gitero bakaba ataco barashima kugira ico bavuze kw’ico gitero caraye gikozwe.
Recent Comments