Abacamanza indwi hamwe n’umuparanto akorera muri parake ya republika i Gitega barapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane. Bose bakaba bagirizwa dosiye imwe yo kurya ibiturire hamwe no kwibisha uruyeri. Hoba hariho abandi bakozi ba Let abo mu ntara yo hagati ishira ubuseruko bari ku rutonde rw’abategerezwa gufatwa kubw’iyo dosiye nyene.
Ikinyamakuru Sos Médias Burundi dukesha iy’inkuru kirashira ahabona umwidondoro w’abo bacamanza indwi bapfunzwe. Abo nabo ni:Desiré Manirakiza, icegera c’umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Karuzi , Rénovat Manirampa , umucamanza wa sentare y’iyungururizo ya Gitega, Janvier Nizigiyimana , umucamanza wo muri iyo sentare y’iyungururizo , Philotaire Ndayishimiye , umucamanza muri Parake nkuru yegamiye sentare y’iyungururizo ya Gitega, Floridas , umucamanza wo muri sentare y’iyungururizo ya Gitega , Abel Irankunda , umukozi wo mu gisata c’ubucamanza mw’ibohero rikuru rya Gitega hamwe rero na Nestor, umucamanza wo muri sentare nkuru y’igihugu ya Gihugu.
Uwugura umunani apfunzwe yitwa Jean-Pierre Masabarakiza , umuparanto wa parake ya Republika mu ntara ya Gitega.
Amasoko yegereye iyo dosiye avuga ko vyose bifitaniye isano n’irekurwa ry’abapfungwa habanje gufumbatishwa ibiturire abo bacamanza baraye bahagaritswe. Ikindi ayo masoko avuga ngo n’uko ivyagiriji umushikirizamanza kizigenza wa republika aho i Gitega afise ni amajwi yafashwe mu biganiro vyafatiwe mu materefone.
Sos Medias Burundi ivuga ko amasoko yahawe yemeza ko urubanza rw’ikibiriraho kuri abo bantu umunani ruriko rurategerwa. Abandi bakozi batari bake bakorera mu gisata c’ubutungane mu karere ko mu ntara yo hagati ishira ubuseruko bw’uburundi bari ku rutonde rw’abantu bategerezwa guhagarikwa kubw’iyo dosiye nyene yo kurya ibiturire hamwe no kwibisha uruyeri.
Recent Comments