UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC:Ubutegetsi bumenyesha ko butiteze kuganira na M23 canke ngo bwemere ko abarwanyi bayo binjizwa mu gisirikare ca Leta.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi wa Leta ya Congo, Patrick Muyaya arakurira inkoni ku gishitsi ko batazoganira n’umuhari M23 canke ngo bemere ko abarwanyi b’uwo muhari binjizwa mu gisirikare ca Leta kuko ngo batipfuza gusubira gukora amakosa yakozwe mu bihe vya kahise aho hakorwa ivyo kuvanga ibitavangika basanga hinjijwe mu nzego z’umutekano abantu batabikwiriye ari nabo ngo baca bahemukira igisirikare ca Leta kigatuma kitagira inguvu.

Patrick Muyaya avugira Leta ya Congo agira ati:«Ntidushobora kuganira kuko niyo twaganira bizoba bisiguye ko bahawe ivyo basaba. Ntidushobora kwumvikana na gato n’umuhari w’iterabwoba , kubera ko ibibazo vyose duhura na vyo ku rugamba biterwa n’uko dufisemwo abahemu, abo bahemu baturuka hehe?»

Yarongeye agira ati :«Nuko mu bihe vyaheze twagiye tuvanga ingabo za Leta n’imihari yahora irwana , havanzemwo n’abatari bakwiye kwinjizwa. None koko dukwiye gukomeza gukora iri kosa? »

Ivyo biri ukwo mu gihe kuva mu mwaka wa 2022 umuhari M23 utanguye imirwano mu ntara ya Kivu y’uburaruko gushika aya mango, Leta ya Congo yagumye ihakana ikarengwa ko itazokwigera iganira n’uwo muhari ivuga ko ari uw’iterabwoba. Inyuma y’imirwano ikomeye yahuje M23 n’igisirikare ca Leta n’abo gicuditse hamwe, Uwo muhari uguma utera intambwe ikomeye mu kwigarurira ibice bitari bike vyo mu materitwari ya Rutshuru, Masisi na Nyiragongo ni mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments