UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

PARCEM isaba Leta kurondera mu maguru masha ingurane y’amafaranga y’agaciro kugira ikemure ikibazo c’ubukene bw’igitoro.

Leta y’uburundi irakwiye gusaba gufashwa canke ikaka ingurane y’amafaranga y’agaciro mu maguru masha kugira ishobore gutorera umuti w’ikibazo c’ikena ry’igitoro cugarije abarundi muri kino gihe. Bishikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana yongera agahamagarira Leta y’uburundi kuva mu gacerere maze igahumuriza abarundi kuko ubuzima busa n’ubwahagaze bitewe n’ico kibazo cabaye ndanse mu gihugu.

«…ubwa mbere ho Leta yogira ico ishikirije kugira ihumurize abarundi ibabwire ivyarivyo kandi ibabwire ingene biriko biragenda, ibumvishe ko atari ibintu bigiye kumara imisi myishi kugira abantu bonyene ntibashobore guta umutwe bijanye n’izi ngorane barimwo.Ikigira kabiri, ni uko Leta yoshobora gutumako abahinga batandukanye, ababikozemwo kera, bakayitorera ivyiyumviro.ikigira gatatu ni uko, Leta yoraba ikagurana abasanzwe bafasha uburundi canke bakaka ingurane yihuta kugira ay’amafaranga y’agaciro asigaye ari ku ndwi zibiri bihinduke n’imiburiburi bishike no ku mezi abiri» Niko Umuhinga Faustin Ndikumana asigura.

Ikindi PARCEM isaba Leta kugira ikemure burundu ico kibazo c’ikena ry’igitoro, ni ikijanye no kwongereza abantu bazana igitoro mu gihugu babishoboye hatabanje kwisungwa ivyo batanze canke bemereye umutegetsi kanaka.

Iryo shirahamwe rishikirije ivyo mu gihe mu gihugu nka hose ibitoro vyo mu bwoko bwa essence na Mazout ata n’ima rikihaboneka. Ibiza binaniza iki gihe abarundi mu kubandanya bibeshaho ndetse n’uko ubuzima bw’igihugu busa n’ubuca buhagarara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments