UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Kenya:Ingenzi zose zo kw’isi nta Visa zigiye gusabwa zinjiye mw’ico gihugu kuva muri Nzero 2024.

Umukuru w’igihugu ca Kenya atangaza ko kuva mu kwezi kwa Nzero 2024 ata ngenzi n’imwe yo kw’isi izosubira kwakwa Visa yo kwinjira mu gihugu arongoye. Perezida Ruto afashe iyo ngingo kandi inyuma yaho aherutse gutangaza ko umunyafrika wese agiye kwemererwa kwinjira muri Kenya ata Visa abanje kwakwa.

Ariko ashikiriza ijambo rihuye no kwigina imyaka 60 ihaciye Kenya ironse intahe yo kwikukira, William Ruto yaratangaje ku mugaragaro ko kuva mu kwezi kwa Nzero 2024, Leta yiwe igiye gukuraho ibijanye no gusaba Visa ku ngenzi zose zije muri Kenya.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro iyo politike nshasha , Perezida wa Kenya yamenyesheje ko Leta arongoye yamaze gushiraho ubuhinga bugezweho bw’ikoranabuhanga kugira habe umwidondoro ubwa mbere ukwiye ku ngenzi zizoba zije muri Kenya. Biza gusigura ko Ingenzi yose izoba ije gutembera muri Kenya izobanza kwemererwa biciye mu bwo buhinga bwa none imbere yo kugendera ico gihugu.

«Ni n’umunezero nta ngere nk’umukuru w’igihugu ayoboye iki gihugu c’imbonekarimwe, kubamenyesha itangazo rizoba rikomeye muri kahise, iryo naryo ni rijanye ni ingingo ya Leta ya Kenya iherutse gufata. Guhera muri Nzero 2024, Kenya igiye kuba igihugu kitaka Visa» Niko Perezida Ruto yamenyesheje abari bitavye ivyo birori vyo kwibuka isabukuru y’imyaka 60 ihaciye Kenya yikukiye.

Yaronge agira ati :«Kenya ifise ubutumwa busanzwe ku bantu bose batuye kw’isi: Karibu murisanze iwanyu»

Ikinyamakuru The eastafrican co muri kenya candika kivuga ko igihe yariko ashikiriza ijambo mu nama mpuzamakungu iraba ivy’ihindagurika ry’ibihe yariko ibera mu gihugu ca Congo-Brazzaville, William Ruto yaratangaje ko kuva muri Nzero 2024, igihugu ciwe ntikizosubira gusaba Visa ku munyafrika wese azoba yinjiye mw’ico gihugu. Ivyo Perezida Ruto akavuga ko yabikoze mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi biciye mu kworosha uruja n’uruza rw’ibintu n’abantu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments