Inama nshingamateka y’uburundi yashize ahabona kuri uyu wa kabiri urutonde rw’ivyo Leta yokorerako kugira ihashe abanyuruza itunga ry’igihugu mu gihe baba batashoboye gutunganya ivyo Leta iba yabashinze. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasomwe n’umukuru w’inama nshingamateka Daniel-GĂ©lase Ndabirabe aho iryo rigizwe n’ingingo zigera kuri cenda.

Zimwe muri izo ngingo ni nko: Gufata abo banyuruza itunga rya Leta , kubategeka gusubiza ivyo bivye, guhanwa ndetse bakaza batangarizwa ku mboneshakure no ku bibuga.
Izindi ngingo Gelase Ndabirabe avuga ni izijanye no kubaka ivyo bafise vyose mu gihe banse gusubiza ivyo bivye, kubabuza gukorera ahantu na hamwe hamwe rero no kubaka uburenganzira bwo gushing amashirahamwe yabo.





Recent Comments