Ingabo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ziri kugarukana amahoro muri Congo MONUSCO zaraye zitangaje ko zigiye gufashanya n’ingabo za Leta ya Congo FARDC mu gikorwa bise ‘Springbok’ hamwe umuhari M23 wofata umuji wa Goma. Ni inyuma yaho uwo muhari usa n’uwamaze gukikuza Goma ubanje kwigarurira ibice bitari bike biri mu materitwari ya Nyiragongo na Masisi.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Umukuru w’ingabo za MONUSCO ,Gen.Rodrigues de Miranda Filho yamenyesheje ko ukwo gufashanya n’ingabo za FARDC kugamije kubuza ingorane zoshikira ku bantu basanzwe baba Goma.
Yagize ati :«Ihangiro ryacu rya mbere ni uguhagarika uburyo bwose M23 yokoresha igatera Sake canke Goma»
Umukuru w’umuhari M23, Bertand Bisimwa abicishije ku rubuga rwiwe rwa x aratera ivyatsi ukwo gufashanya na MONUSCO hamwe na FARDC, ndetse ngo binateye isoni kuba izo ngabo za ONU zishobora kwubahuka zigafashanya n’imihari y’abarwanyi nka FDLR n’iyindi mihari ivurwa mu mabi atandukanye y’ubwicanyi ku banyagihugu imaze imisi ikora iriko irwanya uwo muhari ku ruhande rwa Leta ya Congo.
Nubwo bimeze gutyo, Leta ya Congo yari imaze igihe isaba ko MONUSCO yotekera utwayo igatahuka iwabo kuko ngo mu myaka 24 imaze muri Congo ntaco yamariye ico gihugu.
Recent Comments