UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko ibintu mu misi bishobora kuyangara mu Burundi hamwe hatorwanywa forode y’amadorare.

Umukuru w’igihugu c’uburundi avuga ko agiye kuva hasi arwanye abiba amadorare yari kwinjira mu kigega ca Leta kuko ngo hamwe atagikozwe mu misi iza uretse ko ata mukozi wa Leta azohembwa, nta miti yo kuvura abanyagihugu izoba ikiboneka hamwe n’ifumbire. Perezida Ndayishimiye avuga mbere ko n’ibisata vyose vy’igihugu bishobora kuyangara. Umukuru w’igihugu c’uburundi yabivugiye mu ntara ya Muramvya mu nama yagiranye n’inzego zitandukanye zirimwo abategetsi bo mu gisirikare, umutekano, abajejwe ubutungane hamwe no mu ntwaro.

Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati:«…urugamba mwarwumvise ni urugamba rw’ubutunzi. Tworaba nabi nta mukozi wa Leta azosubira guhembwa , tworaba nabi nta muti uzosubira kugurwa, ifumbire ntisubire kuboneka, mbere ibintu vyose musange vyabaye potopoto turavye nabi!N’ico gituma navuye hasi n’inguvu nyishi, ndabasavye rero munshigikire mwese atawusigaye inyuma»

Mw’iyo nama, Perezida Ndayishimiye akaba yarababajwe n’inyifato y’ikigo OBR aho ngo gikorana n’akarwi k’abantu bishize hamwe kugira ngo barwanye ko amafaranga y’amadorare canke y’amarundi atokwinjira mu kigega ca Leta kugira akore ibikorwa vy’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments