UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

CNDIH isabirwa na HWR na BHRI gukurwa mu kibanza ca ‘statut A’ kubera itigenga.

Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu ariyo Human Rights Watch (HWR) na Burundi human Rights initiative (BHRI)aherutse kwandikira urunani mpuzamakungu rw’imirwi y’ibihugu ijejwe agateka ka zina muntu . HWR na BHRI zerekana ingene umurwi w’igihugu wigenga mu vy’agateka ka zina muntu CNIDH utagira ubwigenge mu kazi kawo wahawe ko ahubwo ukora uhengamira ku butegetsi.

Mw’urwo rwandiko rw’impapuro 17 rwasohowe n’ayo mashirahamwe abiri, aributsa ko kuva mu 2011, CNIDH wari umurwi wigenga koko kandi unakora ibikorwa vy’iteka mu gihe wari urongowe na Furera Emmanuel Ntakarutimana. Kuva mu 2015, Uwo murwi urongowe na Jean-Baptiste Baribonekeza wateye utakaza ubwigenge maze ukurwa mu kibanza ca mbere arico ‘statut A’ uca ushirwa mu kibanza c’imihari ikora itigenga ariyo ‘statut B’.

Iki gihe, Ayo mashirahamwe abiri afatiye ku vyegeranyo vya CNIDH vyo mu 2021 na 2022, abona ko CNIDH ikora ku bibazo bimwe bimwe ariko ntiyubahuka kuvuga ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rifatiye ku mvo za politike. CNIDH ngo ntiyigera ivuga abantu banyuruzwa n’inzego z’igihugu bakaburwa irengero ryabo. CNIDH ngo ntiyigera ivuga ihohoterwa rikorerwa abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Kubw ‘ivyo, Human Rights watch na Burundi Human rights initiative asaba ko Uwo murwi CNDIH wokwakwa iteka rihabwa imirwi yigenga koko bita ‘statut A’. Mu mwaka wa 2018, CNIDH yaratswe ico kibanza ca mbere ‘statut A’ ikirongowe na J.Baptiste Baribonekeza. Mu 2021, uwo murwi wahavuye usubizwa mu kibanza ca mbere bitewe n’uko uwo murwi wariko utera intambwe mu gukora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments