UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC:M23 yigaruriye Umurwa mukuru wa Rutshuru hamwe n’ikigo gikomeye ca gisirikare ca Rumangabo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’imisi yarihaciye haba uguhangana bikomeye hagati y’ingabo za Leta ya Congo n’umuhari M23 kugira Umurwa mukuru wa teritware ya Rutshuru nturwe mu minwe y’uwo muhari, Kuri uyu wa gatandatu vyarangiye Abarwanyi b’uwo muhari bigaruriye Igisagara ca Rutshuru. Mu masaha ya sa kumi z’umugoroba yo kuri uyu wa gatandatu, Abo barwanyi nyene bahavuye bagenzura ikambi ya gisirikare nini ya Rumangabo yo muri teritware nyene ya Rutshuru. Ingabo za FARDC zikaba mw’ubwo burere bwose bwafashwe na M23 zahisemwo zirayanyaga zirahunga .

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Tazama RDC , Umuhari M23 ukiheza kwinjira mw’ikambi ya gisirikare ya Rwamangabo, Wasavye abanyagihugu begereye ako karere gutekana no kubandanya bakora imirimo yabo . M23 ikaba yamenyesheje ko ihangiro ryayo ari ukubandanya urugamba rwayo mpaka ishitse mu muji wa Goma, aho naho niho hari umurwa mukuru w’intara ya Kivu y’uburaruko.
M23 ikaba kandi yigaruriye kuri uyu wa gatandatu akarere ka Kiwanjala , ni ku biremetero birenga gato 70 ugana umuji wa Goma. Umuntu aravye uburere M23 imaze gufata harimwo n’ubw’uno musi, biraboneka neza ko Uwo muhari ugeze hafi ku birometero 40 wegereza Goma.

Tubamenyeshe ko imirwano ikomeye ihuza FARDC na M23 yasubiye kwaduka kuwa gatatu w’indwi yahera aho Igisirikare ca Leta ya Congo catera ibirindiro birimwo M23 kugira kirabe ko cokwisubiza uburere catswe n’uwo muhari ariko bitera bihindukana ico gisirikare ku buryo ata burere na bumwe cashoboye kwaka M23 ahubwo Uwo muhari wakomeje kwigarurira ubundi burere bushasha nka :Kitagoma, Kanombe, Nyesisi, Gugo, Ntamugenga,…

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments