Friday, December 2, 2022
HomeNewsKuberiki Leta y’uburundi Iguma itsindwa mu manza yitwariwe muri Sentare y’akarere ka...

Kuberiki Leta y’uburundi Iguma itsindwa mu manza yitwariwe muri Sentare y’akarere ka EAC?

Inyuma y’urubanza rujanye n’ikiringo ca gatatuc’umuhisi Perezida Nkurunziza, Sentare y’akarere ka EAC iherutse kwemeza ko ico kiringo kinyuranye n’amategeko y’uburundi hamwe n’ay’akarere ka Afrika y’ubuseruko, Iyo sentare kandi yaraye iciye urubanza rw’itongo ringana hegitare 104 rwahuza Leta y’uburundi hamwe n’abasirwa b’umuryango w’uwitwa Sebatutsi. Sentare y’akarere ya EAC ituye I Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ikaba yashinze ko Leta y’uburundi itsinzwe mw’urwo rubanza ko iryo tongo riri mu gisagara ca Bujumbura risubizwa ba nyeneryo.

Iryo tongo ry’umuryango w’uwitwa Sebatutsi riri ahitwa i Kizingwe muri zone ya Kanyosha ,komine Muha mu gisagara ca Bujumbura. Kubera ko ingingo iherutse gufatwa na sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko isubiza iryo tongo banyeneryo, Mu muryango wa Sebatutsi ubu bakaba bari mu munezero n’ivyishimo nta ngere nkuko tubikesha ikinyamakuru IWACU. Ni inyuma yaho uwo muryango muryango warumaze hafi imyaka hafi 20 wama mu manza ziwuhuza na Leta y’uburundi. Uwo muryango ukaba waserukirwa na Evariste Sebatutsi na Francis Ngaruko.

Ikinyamakuru IWACU kivuga ko gifise urwandiko ruheruka guterwako umukono n’umushingwamanza Ildephonse Bigirimana aburanira umuryango w’abasirwa ba Sebatutsi. Muri urwo rwandiko, Uyo mushingwamanza asaba Leta y’uburundi gusubiza vyihuta iryo tongo rya Sebatutsi hamwe no kuriha amafaranga yose yakoreshejwe muri urwo rubanza yatsinzwe. Evariste Sebatutsi akaba yarejejwe na Sentare ya EAC mu kumenyesha ko itongo rya Sebatutsi ryaguzwe hakwirikijwe amategeko. Eka mbere, impapuro ziranga iryo tongo zikaba zitigezwe zihakanwa na Leta y’uburundi.
Naho Leta y’uburundi itigeze ihakana izo mpapuro , Nticabujije ko umurwi w’igihugu ujejejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB uzitesha agaciro maze uheza ushinga ingingo yegurira iryo tongo imiryango icenda yituye uwo murwi yagiriza Sebatutsi ko yayinyaze amatongo yabo yo mu Kizingwe. Isubirwamwo ry’urwo rubanza ryarasabwe mu ma sentare atandukanye yo mu Burundi ariko ntacigeze gihinduka kuri iyo ngingo yafashwe na CNTB. Bimaze kugenda ukwo, Umuryango wa Sebatutsi waciye uhitamwo kwitura Sentare y’akarere ka EAC.
Nkuko bibandanya bimenyeshwa na IWACU, Umushingwamanza wa Sebatutsi asaba perezida Varisito Ndayishimiye ,umukuru w’igihugu c’uburundi nk’umucamanza mukuru mu gihugu, nk’umukuru arongoye umuryango wa EAC iki gihe, kwubahiriza iyo ngingo ya sentare y’umuryango w’akarere asanzwe arongoye.

Abasanzwe barize ivy’amategeko babona ko kuba uburundi buguma butsindwa mu ma sentare y’akarere burimwo ari ikimenyetso sindamusiga cerekana ko mu Burundi icitwa ubwigenge bw’ubutungane kikiri mu majambo gusa kuko bigaragara ko buguma bukoreshwa n’ubutegetsi bushaka guhahahaza canke guhohotera abo batavuga rumwe canke butiyumvamwo. “Burya izi manza ziriko zicibwa na Sentare y’akarere ka EAC hamwe Leta y’uburundi itozishira mu ngiro , bizoteza urubwa Perezida Ndayishimiye arongoye EAC hamwe na Kayobera arongoye iyo sentare kuko bazoba bariko bahonyanga imbona nkubone amategeko n’amabwirizwa agize uwo muryango” Niko umwe mu bashingwamanza akorera I Bujumbura avugana n’agashavu kenshi.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...