Haraciye ikiringo c’indwi zirenga zibiri Colonel Ildephonse Baranyikwa yagiye arongoye inteko z’uburundi zagiye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo at’akayambu kiwe inyuma yo gukomereka bikomeye arasiwe mu mirwano yabahuje n’imihari y’abarundi mw’ishamba ry’ahitwa Itombwe hari kuva ku magenekerezo ya 14,15 na 16 Gitugutu 2022. Amakuru atangwa na bamwe mu basirikare bari bamwegereye avuga ko amaze iyo misi ari ku musego kubera ko yababaye cane igihe yaraswa. Ayo makuru ajanye n’ikomereka ry’iyo ntwazangabo yagumye agirwa ibanga nta ngere mu ntumbero yo kudaca intege abandi bagenziwe bari ku rugamba mw’ico gihugu ca Congo bari gutuza imihari y’abarwanyi y’abarundi ya RED-TABARA na FNL ya Aloys Nzabampema.
Amakuru atangwa na bamwe mu bakomerekeye mu gihugu ca Congo mu mirwano ikomeye yabahuje ku magenekerezo ya 14, 15 na 16 Gitugutu 2022 n’imihari y’abarundi mw’ishamba ry’ahitwa Itombwe, amenyesha ko ico gihe hakomeretse bikomeye intwazangabo yarirongoye abo basirikare yitwa Ildephonse baranyikwa.Ico gihe ngo amaze gukomereka kuko yariko aravirirana cane, yaciye aza gutorwa n’indege y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariyo MONUSCO maze imushikana I Bujumbura.
Bamwe mu basirikare bavuga ko batasubiriye kumenya amakuru yiwe kuko bagumye bibaza ko yoba yahavuye acikana. Amakuru avuga ko arwariye ahantu hagizwe ibanga n’igisirikare c’uburundi I Bujumbura yatanguye kuvurwa mu ntango zo muri iy’indwi aho ayo makuru yatangwa n’abahoze ari abagendanyi biwe na bonyene bakomerekeye muri izo ntambara. Bamwe mu basirikare bakaba babwiwe ko amagara yiwe atifashe neza ko mbere ashobora kurungikwa kuvurirwa mu mahanga.
Abasirikare barikumwe muri Congo bakavuga ko ikomereka ryiwe ryari ryagizwe ibanga kugira abasirikare barikumwe n’imbonerakure bari ku rugamba muri Congo ntibacike intege bari ku rugamba. Abo basirikare bikavurwa ubu ko basanzwe barongowe n’uwutwara akarere ka mbere ka gisirikare Gen.de Brigade Dominique Nyamugaruka.