Thursday, March 30, 2023
HomeInternational newsRDC:M23 yahawe ikiringo c’imisi 30 n’ibiro bikuru vy’ibisirikare vya EAC ngo ibe...

RDC:M23 yahawe ikiringo c’imisi 30 n’ibiro bikuru vy’ibisirikare vya EAC ngo ibe yavuye mu burere bwose yafashe.

Umuhari M23 Urwanya Leta ya Kongo wahawe imisi 30 guhera kuri uyu wa 28 Ruhuhuma ngo ube wavuye mu burere bwose wigaruriye. Ivyo biri mu ngingo zafashwe n’inama y’abakuru b’ibiro vya gisirikare vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko EAC mu nama yabahuje mu ndwi twasozereye. Inteko z’uburundi , za kenya, za Uganda n’iza sudani y’Epfo akaba arizo zizoja gushira mu ngiro iyo ngingo.

Abo basirikare bo mu bihugu bigize EAC bazotegerezwa kurungikwa mu buseruko bwa Congo mu ntara ya kivu y’uburaruko mu kiringo c’indwi zibiri. Ivyo bikaba bizotuma imisi 30 yahawe M23 babe bavuye mu birindiro barimwo bishobora gushirwa mu ngiro. Urwandiko rusozera inama y’abakuru b’ibisirikare bigize EAC rusaba umuhari M23 kuva mu birindiro urimwo kuva kuwa 28 Ruhuhuma 2023 gushika kuwa 30 Ntwarante 2023. Abakuru b’ibisirikare bigize EAC bakaba bagabuye uburere izo nteko za EAC zizogenzura hamwe M23 ibuvuyemwo.
-Uburundi bukaba bwahawe kugenzura uburere bwa Sake, Kilolirwe na Kitshanga
-Sudani y’Epfo na Kenya:Rumangabo
-Kenya:Kibumba, Tongo, Bwiza na Kishishe
-Uganda:Bunagana, Kiwanja na Mabenga.

Abakuru b’ibiro bikuru vya gisirikare b’akarere ka EAC bakaba bavuga ko hariho iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho ibangamiye umutekano w’abanyagihugu ba Congo . Bakavuga ko ivyo muri M23 bimaze kuja mu ngiro , bazoca batangura kuja kurwanya umuhari FDLR , Uwo muhari bakavuga ko bazowurwanya kuva kuwa 30 Ntwarante 2023 gushika kuwa 20 Ndamukiza 2023 kandi ko bazoba bamaze gutuma uwo muhari ushira ibirwanisho hasi.Iyindi mihari y’abanyamahanga nka ADF, FNL , RED-TABARA n’iyindi basabwa gushira ibirwanisho hasi no gukwirikira inzira y’amahoro.

Must Read