UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Anglikane y’i Burundi yamirira kure ingingo yafashwe na Anglikane yo mu bwongereza yo kuhezagira abasangiyeibitsina .

UBM News ads

Ishengero rya Anglikane ryo mu Burundi ntiryemera ingingo iheruka gufatwa na Anglikane yo mu gihugu c’ubwongereza yo guhezagira abakundanye basangiye ibitsina. Biri mu rwandiko inama nkuru y’abepiskopi ya Anglikane mu Burundi bashize ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2023.

Mu rwo rwandiko, Inama nkuru y’abasenyeri barongoye ama diyosezi yose ya Anglikane mu Burundi igira iti :”Twebwe abepiskopi b’ishengero Anglikane mu Burundi twaguye mu gahundwe tumaze kwumva iyo ngingo yafashwe hahonyanzwe ico ijambo ry’Imana rivuga ku mubano w’ababiranye”

Iryo shengero rikamenyesha ko ritazigera ryemera ko ishengero ryubakiraku vyipfuzo vy’abantu aho kwubakira kw’ijambo ry’Imana. Anglikane yo mu Burundi igahanura abagize inzego nz’ishengero rya Anglikane yo mu bwongereza ko zokwisubirako zigahindura iyo ngingo zaraye zifashe inyuranye gose n’ico ijambo ry’Imana rivuga.

Tubamenyeshe ko ishengero rya Anglikane ryo mu bihugu vy’urwanda na Kenya navyone vyiyamirije iyo ngingo yafashwe na Anglikane yo mu bwongereza yemerera guhezagira abakundanye basangiye ibitsina bimwe. Abarongoye iryo shengero bakaba basiguye ko iyo ngingo inyuranye cane n’ijambo ry’Imana riri muri Bibiliya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments