UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

RDC:M23 irigamba kuba yakoroye drone ya FARDC muri teritwari ya Masisi.

Umuhari M23 watangaje kuri uyu wa gatanu ko ingabo zawo zakoroye indege ntoya y’igisirikare ca Leta ya Congo FARDC bita ‘drone’ yafasha ico gisirikare mu bijanye no gutanga amakuru. Ni inyuma y’imirwano ikomeye yavyutse ihuza igisirikare ca Congo n’abo gifashanya mu kurwanya umuhari M23 muri teritwari ya Masisi neza na neza mu burere bwa Karenga, Kilorirwe no mu micungararo yaho.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa X, Bertrand Bisimwa arongoye umuhari M23, yemeje ko ayo makuru avuga ikororwa rya drone ya FARDC, bikozwe n’umuhari wiwe arongoye. Akaba yamenyesheje ko ingabo ziwe zakoroye iyo ndege ntoya mu gihe zariko zirwanira zongera zikingira abanyagihugu.

Uwo arongoye M23 akaba yaciye atangaza ko ingamba zikomeye zafashwe kugira haburizwemwo burundu ibikorwa vy’urunani rw’ingabo za Leta ya Congo gutera ibibanza bihurikiyemwo abantu benshi nk’:ibitaro, amashure,amazu y’abantu, amasengero, inyubako rusangi n’izabikorera utwabo, n’ibindi,…

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments