UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Perezida Ndayishimiye asaba bagenziwe ba EAC kumufasha mu matati ya Congo kuko ngo yasanze ari igikorwa kitoroshe.

Kuri uyu wa 24 Munyonyo 2023 mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya , niho habereye inama igira 23 y’ibihugu 7 bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC. Muri iyo nama, Igihugu ca Somaliya kikaba cemerewe kwinjira muri uwo muryango, kikaba ico gihugu kigize ic’umunani mu bihugu bigize EAC.

Mw’iyo nama, hakaba higiwe cane ikibazo kijanye n’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo , aho uwo muryango wa EAC wiyemeje kugarukana amahoro n’umutekano biciye mu kurungikayo inteko zifashanya n’ingabo za Leta ya Congo kugira zihangane n’imihari yitwaje ibirwanisho harimwo na M23 imaze kwigarurira ibice vyinshi vyo mw’ico gice c’ubuseruko bwa Congo.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yasozereye ikiringo ciwe co kuyobora EAC maze aca asubirizwa n’umukuru w’igihugu ca sudani y’epfo Salva kiir kugira ayobore uwo muryango kuva mu mwaka uza wa 2024.
Perezida Ndayishimiye yarangije ikiringo ciwe co kuyobora uwo muryango,akaba yaciye asaba bagenziwe bo mw’uwo muryango kumufasha igikorwa yari yahawe co guhuza abanye congo bari mu matati kugira haboneke amahoro n’ituze, ko ngo yasanze ari igikorwa kitoroshe na gato.

Tubamenyeshe ko amwe mu mashirahamwe yigenga yo mu Burundi co kimwe n’umuhari M23 bagirije Perezida Ndayishimiye kuba atakoze akazi yari yahawe ko kuba umuhuza ku mpande zibiri zishamiranye arizo Leta ya Congo hamwe na M23 kubera ko yarungitse mu mpisho abasirikare biwe baje gufasha uruhande rumwe mu zihanganye, arirwo Leta ya Congo. Abasirikare bamwe bamwe b’uburundi bakaba barafashwe mpiri n’uyo muhari nayo abandi barahasiga ubuzima nk’uko amasoko yacu mu gisirikare c’uburundi yabitwemeje.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments