UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi yugaye imbibe zose zihana n’igihugu c’urwanda.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Ninteretse yatangaje kuri uyu wa kane ko imbibe zose zihana urubibe n’igihugu kibanyi c’urwanda zugawe. Martin Ninteretse akaba yabivugiye mu ntara ya Kayanza mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro , guhera kuri ba buramatari gushika ku barongoye ama zone.

Muri iyo nama, Martin Ninteretse yasiguye ko uburundi bwasanze bufise ico bwise «Umwansi mubi», agirako avuga ko uburundi bwahagaritse imigenderanire bwari bufitaniye n’urwanda, kuko budashobora kugenderanira n’igihugu kibitse abansi b’uburundi ata kindi barota atari ukubahekura.

Uburundi bwugaye imbibe zose buhana n’urwanda inyuma yaho Perezida Ndayishimiye w’uburundi asubiye kwagiriza urwanda ko ruhaye indaro kandi rugafasha abaroberi b’umuhari RED-TABARA barwanya ubutegetsi bw’uburundi.

Tubamenyeshe ko atari ubwa mbere uburundi bwugaye imipaka ruhana n’urwanda. Mu mwaka wa 2015 , rwayugaye rwagiriza u Rwanda kuba rwaragize uruhara mu mvururu zatewe n’ingingo y’umuhisi Perezida Nkurunziza yo gusubira kwitoreza ikiringo ca gatatu. Ico gihe, u Burundi nahonyene bwaremeza ko urwanda ruhaye indaro ababurwanya. Ivyagiriji urwanda rwahakanye akatari gake.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments