UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: Leta yemera kuganira na M23 ariko igira ivyo isaba uwo muhari gukora vyihuta.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Congo yaraye yatangaje kuri uyu wa gatanu ingingo zisabwa kugira ngo Leta yemere kuganira n’umuhari M23 ,Murivyo M23 isabwa hakaba harimwo kurekura uburere bwose yafashe. Kwivyo isabwa, M23 yishura nyabuna ko ata na santimetero imwe igiye kurekura ngo isubire inyuma iyo yaje iva ko kandi uwo mushikiranganji ata bubasha afise bwo kubaha amabwirizwa.

Mu kiganiro yagiranye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu n’abanyamakuru ku mboneshakure y’igihugu ca Congo, Christophe Lutundula yavuze ko Leta ibona M23 nk’umuhari w’iterabwoba ko kandi bataganira nawo kiretse hagize igihinduka. Muri ico kiganiro, Lutundula yavuzeko Leta arimwo yoganira na M23 ari hamwe ivyo uwo muhari usabwa wovyubahiriza:
-M23 ihagarike ibikorwa vyayo vy’ubwicanyi iriko ikora.
-M23 ive mu burere bwose imaze kwigarurira
-Guhagarika ubufasha bwose ku mihari yitwaje ibirwanisho na cane cane M23
-Abanyagihugu bahunze basabwa kugaruka mu zabo.

Kw’ivyo vyaraye bishikirijwe na Christophe Lutundula, Umuvugizi wa M23 ,Major Willy-Ngoma yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ati:” Nta na santimetero imwe tugiye kurekura ngo dusubire inyuma” Willy Ngoma avuga kandi ko M23 atari umuhari uriko ukora ivyaha, “Kandi nta bubasha afise bwo kuduha amabwirizwa”.
Ivyo bishitse mugihe ku ndwi iheze, Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC watangaje ko igenekerezo rya 16 Munyonyo 2022 mu gisagara ca Nairobi hazotangurira ibiganiro bishasha ku kibazo c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo bikaba bizoba birongowe na Perezida Uhuru Kenyatta yahoze arongoye Kenya, ubu aheruka kugenwa na EAC ngo abe umuhuza mu gutorera inyishu ku kibazo c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments