UBM News ads

CNL ibona ko Leta itokwitwaza ivy-intambara ya Ukraine n-uburusiya ku bijanye n-ubukene bw-igitoro buhari ubu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe CNL ubona ko Leta yarikwiye gushiraho ikigega c-integabizoza c-igitoro hamwe nuko coza kiraca mu mazi aho guca mu mabarabara kugira ubukene bwaco buguma bwisubiriza bugabanuke. Thérence Manirambona avugira uwo mugambwe akavuga ko ubukene bw-igitoro mu Burundi  butova ku ngwano iri hagati  y-uburusiya na Ukraine  kuko n-imbere yaho bwari buhasanzwe.Image

Uwo avugira CNL ati :« Muri iyi misi haravurwa ko iri kene ry-igitoro riboneka hirya no hino kw-isi rifatiye kw-iy-intambara iri hagati y-uburusiya na Ukraine ariko kubiraba uburundi  twibuke ko  ikene ry-igitoro aha iwacu rimaze igihe kinini tubona amazutu abura na cane cane amazutu niyo akunze kubura cane eka na essence ukabona ko ari ibintu  vyo gusamira. (…) ariko urumva ko twebwe iyo ngwara tuyimaranye igihe. Mwibuke ko no mu misi yahera igitoro cadugijwe amafaranga  atari make gushika ku ma 300 ndetse nayarenga kw-iritiro ariko hagumye haba ikena ry-ico gitoro»

Nk-umuti kw-ico kibazo kijanye n-ikena ry-igitoro mu Burundi, Umugambwe CNL ubona Leta yokoresha inzira yo mu mazi mu kuzana igitoro kivuye hanze kuko inzira yo mw-ibarabara ituma ico gitoro gishika gitevye, ikindi nuko ngo nuko Leta yoshiraho ikigega c-integabizoza  c-igitoro kugira hamwe ibiciro bihindaguritse ku masoko mpuzamakungu ntibice vyihuta gukora ku burundi n-abarundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments