UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

RDC vs Rwanda: Uburundi bugiye gushikirwa n’imishamirane iri hagati y’ivyo bihugu bibiri (Bintou Keita)

Igihugu c’uburundi ngo gishobora kwisanga cinjiye mu ntambara y’akarere inyuma yaho Ibihugu vya Congo iharanira intwaro rusangi hamwe n’urwanda bikomeje kubandanya birabana ay’ingwe. Ivyo bikaba vyaraye bitangaje na Bintou Keita asanzwe arongoye ubutumwa bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bwagiye kugarukana amahoro muri Congo aribwo MONUSCO hari kuri uyu wa mbere mu nama nkuru y’umutekano ya ONU. Bintou Keita akamenyesha ko Ibihugu vy’urwanda na Congo bishobora gutana mu mitwe imbona nkubone inyuma yaho ivyo bihugu vyompi umubano ukomereje kubandanya umera nabi.

«Ubushamirane bw’akarere hagati ya RDC n’urwanda bwabandanije kumera nabi, Ibiza vyongeza ugushobora gutana mitwe imbona nkubone, ubwo bushamirane bugiye kandi gushikira igihugu c’uburundi» Niko Keita yaburiye.

Ivyo Bintou Keita abishikirije inyuma yaho Leta y’uburundi irungikiye abasirikare bayo mu butumwa bwa TAFOC ngo barwanye umuhari M23 barikumwe n’igisirikare ca Congo FARDC hamwe n’iyindi mihari bafashanije. Umuhari M23 ukaba warateye ivyatsi wongera ubabazwa n’iyo ngingo yafashwe n’uburundi kandi vyari bizwi ko Perezida Varisito Ndayishimiye yari mu bari batowe ngo afashe guhuza impande zibiri zishamiranye, ariko birangira yinjiye gushigikira no gufasha uruhande rumwe arirwo Leta ya Congo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments