Igisirikare c’urwanda (RDF) gitangaza ko igisirikare ca Congo (FARDC) carashe ibisasu bibiri vya rokete ku butaka bw’urwanda biturutse mu gace ka bunagana. Ivyo bisasu, RDF ivuga ko vyarashwe mu karere ka Musanze mu gace ka Nyabigoma hari mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu isaha ya saa tanu n’iminota 55.
Mw’itangazo yashize ahabona, RDF yavuze ko ivyo bisasu ata muntu vyakomerekeje ariko vyateye ubwoba abanyagihugu bo mw’utwo duce vyaguyemwo.
Tubibutse ko ivyo bisasu bivuzwe inyuma y’ibindi urwanda rwatangaje ko vyatewe ku butaka bwabwo mu misi yahera mu kwezi kwa gatatu igenekerezo rya 19 hamwe no mu kwezi kwa gatanu igenekerezo rya 23 uy’umwaka turimwo wa 2022. Ico gihe RDF yari yavuze ko ivyo bisasu vyari vyaguye mu duce twa Kiningi na Nyange mu karere ka Musanze hamwe n’uwa Gahunga muri Burera kandi ko vyakomereje abantu bikonona n’ivyo bari batunze.
Recent Comments