UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC vs RWANDA: RDF yagiriza igisirikare ca Congo kurasa ibisasu vya rokete ku butaka bw’urwanda.

UBM News ads

Igisirikare c’urwanda (RDF) gitangaza ko igisirikare ca Congo (FARDC) carashe ibisasu bibiri  vya rokete ku butaka bw’urwanda biturutse  mu gace ka bunagana. Ivyo bisasu, RDF ivuga ko vyarashwe mu karere ka Musanze mu gace ka Nyabigoma  hari mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu isaha ya saa tanu n’iminota 55.RDC – Rwanda : une relation diplomatique sous tension permanente

Mw’itangazo yashize ahabona, RDF yavuze ko ivyo bisasu ata muntu vyakomerekeje  ariko vyateye ubwoba abanyagihugu bo mw’utwo duce vyaguyemwo.

Tubibutse ko ivyo bisasu bivuzwe inyuma y’ibindi urwanda rwatangaje  ko vyatewe ku butaka  bwabwo  mu misi yahera  mu kwezi kwa gatatu igenekerezo rya 19 hamwe no mu kwezi kwa gatanu igenekerezo rya 23 uy’umwaka turimwo wa 2022. Ico gihe RDF yari yavuze ko  ivyo bisasu vyari vyaguye  mu duce twa Kiningi na Nyange  mu karere ka Musanze  hamwe n’uwa Gahunga  muri Burera kandi ko vyakomereje  abantu bikonona n’ivyo bari batunze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments