Mu gihe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Ruheshi 2022 ariho hahimbazwa imyaka ibiri ihaciye umuhisi Perezida Nkurunziza ashengeye, Bamwe mu barundi ntibatahura ndetse ntibumva ukuntu umuhisi perezida Nkurunziza yofatwa nk’imboneza mu gukundisha igihugu. Uwitwa Bizoza Samson yahoze mu muhari FNL ukirwana wewe avuga ko umuhisi Petero Nkurunziza azomwibukira ku ba FNL barenga 30 biciwe i Muyinga batabwa mu Ruvubu hamwe n’abarenga 300 bishwe mu mwaka wa 2010 na 2011 mu mugambi wiswe SAFISHA.
Iyo yahungiye mu gihugu ca Kenya mw’ikambi y’impunzi iri i Kakuma, Bizoza Samson atwiganira ukwo yakiriye umusi wahariwe kwibuka umuhisi Perezida Nkurunziza ku rwego rw’igihugu nk’imboneza mu gukunda igihugu:« Kuba umuryango wa Nkurunziza co kimwe n’umugambwe yaturukamwo bamwibuka ni ibintu bisanzwe kandi binumvikana kuko mu migenzo y’abarundi umuntu yitavye Imana yamye yibukwa na biwe co kimwe nabo bagendanye. Ariko ico nubu ntarumva ni ukuntu umuntu nka Nkurunziza intwaro yiwe yaduhekuriye abacu ibihumbi n’ibihumbi maze ukaza wumva ngo yabaye imboneza mu gukundisha igihugu, mbega yemwe! ntwenge canke nkorore amasozi ? Abamuhaye iryo zina nukuri barasuzuguye uburundi n’abarundi nikwo jewe ndabibona»
Mu gihe uwundi murwi w’abarundi ufata Perezida Nkurunziza nk’imboneza yamaho mu gukundisha igihugu, Samson wewe aratubwira ico umuhisi Perezida Nkurunziza wewe azoguma amwibukirako. Aribuka bagenziwe barenga 30 biciwe i Muyinga mu mwaka wa 2006 maze baca batabwa mu Ruvubu hamwe n’abarenga 300 bishwe mu mugambi wiswe SAFISHA mu myaka ya 2010 na 2011. Samson abivuga uku :«Nkurunziza tuzomwibukira ku bagenzi bacu isinzi biciwe i Muyinga nabo muri Plan SAFISHA»
Uwo ari mubarurwanye muri FNL ukiri umuhari amenyesha ko atari uno musi canke ejo igihugu c’uburundi kironke umuntu yitwa imboneza mu gukundisha igihugu kuko kubwiwe ngo abahari ubu canke naboza ejo bagendana agatima ko kutahariranira k’inzigo, urwanko no gushira imbere nyungu zabo kandi bategerezwa kwitangira igihugu cabo bakagikorera bigashimwa maze umurundi wese akiyumva ko ari mu gihugu ciwe aryoherewe ndetse akunze batarinze kuza kukimwigisha nkuko vyama vyakozwe n’indongozi z’igihugu zihari ubu.





Recent Comments