Thursday, October 6, 2022
HomeInternational newsRDC: Umwe mu bategetsi bakuru b'umuhari w-iterabwoba ADF yarafashwe agomba aje i...

RDC: Umwe mu bategetsi bakuru b’umuhari w-iterabwoba ADF yarafashwe agomba aje i Burundi.

Umwe mu ndongozi z-umuhari w-iterabwoba ADF , Benjamin Kisokeranio yarahagaritswe kuri uyu wa kabiri I Buvira , mu ntara ya Kivu  yo mu bumanuko , iri mu buseruko bwa republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Uwo asanzwe ari intwazangabo ijejwe igendereza muri ADF yahagaritswe n-inzego z-umutekano za Congo.UPDF Rescues 30 Abductees After Attacks on ADF Camps | ChimpReports

Nkuko tubikesha iradiyo y-abafaransa RFI, Kisokeranio yafashwe agomba aje mu gihugu c-uburundi aho biboneka ko yoba afise zimwe mu ncuti ziwe .  Nkuko bivurwa n-ababonye ifatwa ry-iyo ndongozi ya ADF, bamenyesha ko Kisokeranio yari yiyoberanije mu kwitwaza impapuro z-inzira z-amagendo nk-igitabo c-inzira ca Congo c-amagendo kiri kw-izina rya Djimy Kilalo Kasereka.

Abategetsi b-uburundi ntaco barashima kugira ico bavuze kw-ivy-iyo ndongozi ya ADF yariko igana mu Burundi. Gusa, Perezida Ndayishimiye yaraherutse gusaba inzego z-ukwivuna abansi kuguma «zirikanuye bitewe n-ibikorwa vy-umurwi  w-iterabwoba RED-TABARA hamwe na ADF», Aho yagirije umuhari RED-TABARA gukorana  n-aba isiramu b-abaganda.

Tubameyeshe ko umuhari ADF wavutse mu mwaka w-1995 ufise intumbero yo kutembagaza ubutegetsi bwa Perezida wa Uganda Yoweli Kaguta Museveni . ADF ikaba ifise ibirindiro mu buseruko bwa Congo inyuma yo kwomorwa mu buseruko bw-igihugu ca Uganda n-igisirikare c-ico gihugu. Uwo muhari ukaba wahavuye ushirwa ku rutonde rw-imihari y-iterabwoba na ONU hamwe na Leta Zunze ubumwe za Amerika. ADF ikaba yegerwako ubwicanyi bw-ibihumbi vy-abanyekongo  bo mu ntara ya Kivu y-uburaruko  hamwe n-ibitero vy-amabombe bihitiye  bikorwa mu gihugu ca Uganda.

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...