Leta ya Tanzaniya ivuga ko ata mpunzi y-umurundi izokwimurirwa mu gihugu ca gatatu kiretse abanyekongo gusa.

0

Igihugu ca Tanzaniya kimenyesha ko ata mpunzi y-umurundi ibarizwa mu makambi ya Nduta na Nyarugusu izojanwa mu gihugukigira gatatu kiretse impunzi z-abanyekongo gusa. Tanzaniya igatanga insiguro ko mu Burundi hari amahoro akwiye ko ndetse na Leta y-uburundi yama yabitangaje.Tanzanie: les réfugiés burundais de Nyarugusu désormais privés de marchés

Nkuko bitangazwa n-umukuru w-ikambi ya Nyarugusu,  nuko iyo ngingo yafashwe bafatanije n-ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR . Iryo  tangazo rikavuga ko ata mpunzi y-umurundi izojanwa mu gihugu kigira gatatu, bagasaba nyabuna impunzi kwiyandikisha ku bwinshi zigataha iwabo.

Uwujejwe ibibazo vy-impunzi mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi yama yahimirije impunzi ko zokwiyandikisha ku bwinshi zigataha iwabo atari uko naho mu misi zizotahukanwa ku nguvu. Ikindi uwo mutegetsi aheruka kubwira izo mpunzi , ni ukuntu umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye igihe yaheruka gukora urugendo mw-ico gihugu, yemereye Leta ya Tanzaniya ko mu Burundi hari amahoro akwiye , kubw-iyo mpamvu yavuzeko ata ngingo ihari yo gutwara izo mpunzi mu gihugu kigira gatatu (VOA Radiyo yacu)

Impunzi z-abarundi zahungiye muri Tanzaniya zo zivuga koi co zahunze nubu nubu kitarakemuka. Aha zikavuga nk-ikibazo kijanye n-umutekano mu Burundi :abantu nubu babandanya bicwa abandi bakanyuruzwa hamwe n-iterabwoba rikorwa n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD.