Tuesday, December 6, 2022
HomeNewsIgisirikare c-uburundi gitewe impungenge n-imirwi y-abarwanyi ishobora gutera uburundi ivuye mu Rwanda...

Igisirikare c-uburundi gitewe impungenge n-imirwi y-abarwanyi ishobora gutera uburundi ivuye mu Rwanda na Congo.

Igisirikare c-uburundi kimenyesha ko gitewe impungenge n-imirwi y-abitwaje ibirwanisho ishobora gutera uburundi ivuye mu bihugu bibanyi biri arivyo u Rwanda na Congo, canke igatera ivyo bihugu iciye ku butaka bw-uburundi.Au cœur de la crise burundaise IV : la rente du maintien de la paix en  question | Crisis Group

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, nuko igisirikare c-uburundi cirinde uwo mutekano muke, kimaze imisi gitunganya imibonano mu ma komine yose y-intara zihana urubibe  n-ivyo bihugu bibanyi  kugira gisigure amayeri yose iyo mirwi y-abarwanyi ikoresha haba mu kuresha abayijamwo  canke mu kwinjiza ibirwanisho.

Intara zerekeye n-iyo mibonano ni zitanu: Muramvya, Cibitoke, Bubanza, umurwa mukuru w-ubutunzi Bujumbura hamwe n-intara ya Bujumbura-Rural. Imirwi itumirwa iruhande y-abagize inzego zo kwivuna abansi ni: Abakuru b-imitumba, abunguruza abantu bakoresheje amapikipiki hamwe n-amakinga, abarongoye amashure yisumbuye , abakukurutse mu gisirikare n-igipolisi , urwaruka ruhejeje amashure yisumbuye rutararonka akazi , abaserukira amadini n-imigambwe hamwe rero n-abaremeshakiyago  bo ku misozi yose igize izo ntara zitanu.

Buramatari w-intara ya CIBITOKE, Careme Bizoza asaba abanyagihugu bose kwifata bakitwara nk-abajejwe umutekano aho kwiyumvira  ko ari igikorwa c-abasirikare n-abapolisi gusa.

 

Must Read

RDC: M23 yemeye guhagarika intambara no gusubira ku birindiro vyayo vya...

0
Umuhari M23 wemeye guhagarika intambara ndetse no kurekura ibice vyose uherutse kwigarurira biri mu buseruko bwa Congo, mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Itangazo ryo kuri...