Umukuru w’ihuriro ry’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Congo iharanira impinduramatwara ryitwa DYPRO, Constant Mutamba Tungunga, yasezeraniye abanyekongo ko niyaba umukuru w’igihugu ca Congo azogira agira igihugu c’urwanda intara ya 27 ya Congo.
Ivyo Constant Mutamba Tungunga yabitangaje kuri uyu wa gatandatu imbere y’abamenyeshamakuru inyuma yaho kuwa 30 Myandagaro 2023 DYPRO yatangaza ko ariwe mu kandida wayo azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Congo mu matora yimirije kuba mw’ico gihugu mu kwezi kwa Kigarama.
Mutamba arongoye umugambwe NOGEC yatangaje ko ubuseruko bwa Congo burimwo burangwamwo umutekano muke, ko kandi watewe n’igihugu kibanyi c’urwanda. Abajijwe ico azokora mu gihe yotorwa kuba perezida wa Congo, yagize ati:«Tuzorangiza intambara ku Rwanda , maze turwomeke ku gihugu cacu nk’intara ya 27 ya Republika iharanira intwaro rusangi ya congo. Murabizi ko abanyagihugu barambiwe, barambiwe ivyiyumviro bimwe, barambiwe ivyiyumviro bimwe, barambiwe izina rimwe, niyo mpamvu natangaje ko kandidatire yanje»
Recent Comments