UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

LIGUE ITEKA irarajwe ishinga n’ibibanza vyose vy’ubuhinga biguma bihabwa abanywanyi ba CNDD-FDD kandi bo mu bwoko bumwe bw’abahutu.

UBM News ads

Umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi LIGUE ITEKA urarajwe ishingwa n’ihonyangwa ry’amasezerano ya Arusha mu kutubahiriza ibitigiri vy’amoko mu nzego zitandukanye za Leta. Ivyo biri mu cegeranyo cashizwe ahabona n’uwo muhari muri iy’indwi kivuga ukwo ibintu vyifashe kuva mu kiringo c’umwaka wa 2021 gushika mu 2023. Anschaire Nikwoyagize arongoye LIGUE ITEKA avuga ko ari akamaramaza kubona n’ibibanza vy’ubuhinga bibandanya guhabwa abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD kandi bo mu bwoko bw’abahutu.

Uwo arongoye ishirahamwe riraba ivy’agateka ka zina muntu rikorera hanze y’igihugu kubera ryugawe mu Burundi agira ati: «LIGUE ITEKA yasohoye icirwa gifatiye kuva mu 2021 gushika mu mwaka w’2023, turaba ingene umukuru w’igihugu yagiye avyifatamwo mu guha ikibanza umututsi canke abari mu mugambwe utari ku butegetsi. Ikibabaje nuko ivyo twagiye tubona muri iki cirwa duheruka kugira nuko bitangaje kuko imvugo umukuru w’igihugu akoresha siyo na gato ubu, kuko tubona ko ukwo umwaka utera ugenda, agenda yigiza inyuma ubwoko bw’abatutsi co kimwe n’abari mu mugambwe utari ku butegetsi. Ikindi, kibabaje cane kandi giteye n’ubwoba nuko n’ibibanza batategerezwa kuraba ivya politike aha ndiko ndavuga nk’abaganga, abatwara amavuriro, abatwara ivy’uburimyi n’ubworozi, vyose uca usanga utari umuhutu nahonyene umuhutu ari mu mugambwe CNDD-FDD umenga ntushoboye. Ivyo rero muri ITEKA tubona ko ari nko gukinisha amagara y’abarundi, ko Atari ukutamenya kuko bitari bikwiriye ko baraba ko naka ava muri iki canke muri kiriya»

LIGUE ITEKA isaba umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye kuvavanura n’iyo ngendo igayitse yo gukumirana mu Barundi kuko ataho izoshikana na hamwe igihugu.Kubw’iryo shirahamwe , ngo Leta yige gutandukanya ibibanza vya politike hamwe n’ivy’ubuhinga. LIGUE ITEKA igatanga nk’akarorero ko nk’umugoronome araba ivy’indimo, umuganga mu kuvura canke umwarimu bitarinda ko akora akazi neza abanje kuva mu mugambwe CNDD-FDD nahone abanje kuva mu bwoko bw’abahutu kandi hariho abandi barundi bo muyindi migambwe no mu bundi bwoko bari bashoboye gukorera igihugu bigashimwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments